Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 5:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Baramubgira, bat’ Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse: none turasavye, uturekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’ imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi, yoye kuzohava idutērēra ikīza cank’ inkota.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 5:3
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko bagitangura kuhaba ntibātinya Uhoraho; ni co catumye Uhoraho abatērēra intambge, zikabīcamwo bamwe.


Ngo None rero mweho ntimugamike amazosi nka ba sogokuruza banyu, ariko muyoboke Uhoraho, muze muze mu rusengero rwiwe yejeje gushitsa ibihe vyose, mube abasavyi b’Uhoraho Imana yanyu, kugira ng’ uburake bgiwe bg’inkazi bubaveko.


Ic’ Imana Nyen’ ijuru izokwaka cose kize gihore kigirirwa ingoro yayo bidatevye, kugira ng’ uburake bgayo ntibube ku gihugu canje n’abahungu banje.


Na bo bazokwumvira: kand’ uz’ ugende ku mwami wa Egiputa, mwe n’ abashingantahe b’Abisirayeli, mumubarire, mut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yaratwiyeretse: none turakwinginze, turekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi.


Umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yakuntumyeko, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabire mu bugaragwa: uti Kandi none gushitsa ubu nturamwumvira.


Uhoraho abarira Mose, ati Ja kwa Farawo, umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uz’ uzinduke kwa Farawo mu gaturuturu, uhagarare imbere yiwe; eh’ azoba yīkoze aja ku ruzi; umubarire, ut’ Uhoraho agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.


Dukwiye kugenda urugendo rw’imisi itatu tuje mu bugaragwa, tubone gushikanira Uhoraho Imana yacu, nk’ ukw izotubarira.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Kubita amashi ku yandi, dida ikirenge hasi, uvuge uti Yō! Ewe bizira bibi vyose inzu ya Isirayeli yakoze! Kuko bazoririkwa n’inkota n’inzara n’ikīza.


Kandi nzobatērēra inkota, ibahōre kuva mw isezerano ryanje; na ho ni mwirundaniriza mu bisagara vyanyu, nzobatērēra ikīza; kandi muzotangwa mu maboko y’abansi.


Uhoraho azobatērēra ikīza, kibūmireko, kugeza ah’ azobaherengetereza mu gihugu mugiye kwinjira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ