Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 5:2
25 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ngo N’izihe mu mana zose zo mur’ ivyo bihugu zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe, ng’Uhoraho na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?


Ngo None mu mana zose z’ amahanga ba sekuru baranduye rwose, n’iyihe yashoboye gukiza abantu bayo ngo ntibakorokere mu maboko yiwe, bitume n’ iyanyu na yo yoshobora kubamukiza?


Ngo None Hezekiya ntabahende, canke ngw abasuke mu buryo ben’ ubgo; ngo Ntimumwemerere; ngo Kukw ata mana n’imwe y’ihanga na rimwe canke y’igihugu ic’ ari co cose yashoboye gukiza abantu bayo ngo ntibakorokere mu maboko yiwe canke mu maboko ya ba sekuru; ngo Kugira ngw iyanyu na yo ishobore kubamukiza.


Bavuga Imana y’i Yerusalemu nk’ah’ ari co kimwe n’imana z’ amahanga y’isi zakozwe n’intoke z’abantu.


werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.


Kuko yabanguriye Imana ukuboko kwiwe, Akīnantaza kw Īshobora vyose,


Akayirangirirako afise ubugabo, Yitwaje inkinzo ifise umukondo ukomeye.


Bat’ Īshobora vyose n’iki, ngo tuyisabe? Kandi ni twayisenga, bizotumarira iki?


Umunyakibi kubg’ ubgibone bgiwe aravuga, at’ Eka ntazohōra. Ivyiyumviro vyiwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Nta Mana iriho.


Abāvuze, bati Tuzotsindisha indimi zacu, Iminwa yacu kw ar’ iyacu: ūtuganza ni nde?


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Igipfapfa cibgira mu mutima, ngo Nta Mana iriho. Bārononekaye, bākoze ibikorwa vyo kwankwa urunuka, Nta wukora ivyiza.


Kandi ndazi yuk’ umwami wo muri Egiputa atazobakundira ko mugenda, shit’ ukuboko kw’inkomezi kumugondoje.


Ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Iki ni co kizokumenyesha yukw ar’ Uhoraho: ut’ Ehe ngira nkubitishe inkoni nitwaje amazi y’ uruzi, ahinduke amaraso:


Sinze mpave mpimba nabi, nkakwihakana, nkavuga nt’ Uhoraho n’iki? Kandi noye kuba mworo, ngahava niba, Ngatukisha izina ry’Imana yanje.


Ngw Ariko ni mwavuga, muti Ntitukigomba kuba mur’ iki gihugu; bigatuma mutamwumvira, ari we Uhoraho Imana yanyu,


Muhaboreze, kuko hinantaje k’ Uhoraho; nuko Mowabu hazokwivurunga mu bidashwe vyaho, hacike agatwengo.


Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?


Kand’ ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibāmmenye.


Kandi nk’uko banse kumenya Imana mu mitima yabo, ni kw Imana yabahevye ngo bagire imitima y’akāhebge, bakore ibitabereye;


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


Hanyuma ab’ urwo runganwe bose na bo barapfa, bahamvya ababo; bakurikirwa n’urundi runganwe, abo bo bakura batazi Uhoraho, canke ngo bamenye igikorwa yakoreye Abisirayeli.


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


Nabali yishura abo bantu ba Dawidi, ati Dawidi n’iki? Kandi mwene Isayi n’iki? Erega mur’ iyi misi harih’ abashumba benshi bātaye ba shebuja.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ