Kuvayo 5:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)2 Farawo arababaza, at’ Uhoraho ni nde, ngo ndamwumvire, ndekure Abisirayeli? Uhoraho sindamuzi, kandi sindekura Abisirayeli. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Ngo None Hezekiya ntabahende, canke ngw abasuke mu buryo ben’ ubgo; ngo Ntimumwemerere; ngo Kukw ata mana n’imwe y’ihanga na rimwe canke y’igihugu ic’ ari co cose yashoboye gukiza abantu bayo ngo ntibakorokere mu maboko yiwe canke mu maboko ya ba sekuru; ngo Kugira ngw iyanyu na yo ishobore kubamukiza.
Nuko noneho ni mwumva amajwi y’inzamba n’imyironge n’inanga n’amakembe n’imiduri na sumponya n’ibindi vy’ubgoko bgose bivuga, mukemera kwikubita hasi mugasenga igishushanyo nakoze, bizoba ari vyiza; ariko ni mutagisenga, muca mutererwa mw itanure ry’umuriro uhinda; mbeg’ imana yobakiza mu maboko yanje yoba iyihe?