Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 5:1
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Ahabu abarira Eliya, at’ Urandonse akabero, wa mwansi wanje! Na we ati Ndakuronse akabero koko, kuko witanze gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi.


Nzovugira imbere y’abami ivyo wihanikirije, Simmāramāre.


Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.


Ngo Na ho ni wanka kubarekura, ejo ngw azorekura inzige, zihēre ku rubibe rwawe,


Mose aramwishura, ati Tuzojana n’abana n’abatāma, n’abahungu bacu n’ abakobga, mbere n’imikuku yacu n’amasho tuzobijana: kuko dukwiye kugirira Uhoraho umusi mukuru.


Na bo bazokwumvira: kand’ uz’ ugende ku mwami wa Egiputa, mwe n’ abashingantahe b’Abisirayeli, mumubarire, mut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yaratwiyeretse: none turakwinginze, turekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi.


None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe: kandi wibuke yukw iryo hanga ar’ iryawe.


kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.


ati Genda kwa Farawo umwami wa Egiputa, umubarire arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.


Mose na Aroni abo, ni bo bavuganye na Farawo umwami wa Egiputa ivy’ ugukūra Abisirayeli muri Egiputa.


Umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yakuntumyeko, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabire mu bugaragwa: uti Kandi none gushitsa ubu nturamwumvira.


Uz’ uvuge ico nkubarira cose, maze Aroni mwene nyoko abibarire Farawo, kugira ngw arekure Abisirayeli bave mu gihugu ciwe.


Uhoraho abarira Mose, ati Ja kwa Farawo, umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.


Uhoraho abarira Mose, ati Bgira Aroni, uti Manika inkoni yawe, ukubite umukungugu wo hasi, uhinduke imibu mu gihugu cose ca Egiputa.


Babigira bartyo; Aroni amanika ukuboko kwiwe gufashe ya nkoni, akubita umukungugu wo hasi, imibu iba ku bantu no ku bitungwa; umukungugu wose wo mu gihugu cose ca Egiputa uhinduka imibu.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uz’ uzinduke kwa Farawo mu gaturuturu, uhagarare imbere yiwe; eh’ azoba yīkoze aja ku ruzi; umubarire, ut’ Uhoraho agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.


Dukwiye kugenda urugendo rw’imisi itatu tuje mu bugaragwa, tubone gushikanira Uhoraho Imana yacu, nk’ ukw izotubarira.


Uhoraho araheza abgira Mose, ati Ja kwa Farawo, umubarire, ut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.


Na ho ni wanka kubarekura, ugashishikara kubagumya,


Kandi kur’ uyu musozi Uhoraho Nyen’ ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.


Kandi nawe, mwana w’umuntu, ntuz’ ubatinye, ntuz’ utinye n’amagambo yabo, n’iyo woba mu mikere no mu mahwa, ukabana na za sikorupiyo: ntuz’ utinye amagambo yabo, canke ng’urandurwe umutima n’igitsure cabo, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Bazobajana imbere y’abaganza n’abami babampōra, muzoba ikimenyetso kibabere icabona, bo n’abanyamahanga.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Kandi none, Mwami, rāba agahahirizo kabo, uhe abasavyi bawe kuvuga ijambo ryawe bashize amanga rwose:


Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ