Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli gushitsa n’ubu, uti Yaba mw ihema akimukira mu rindi, yimuka mu rusago akaja mu rundi.
Kand’ uz’ ujishe igihuzu co gukingīra, ukijishe mu nyuzi z’ amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza; kize kijishwekw ibishushanyo vy’abakerubi, bijishwe n’abahinga bavyo.
Uko ni ko barangije gukora ivy’ iryo hema vyose, ari ryo hema ry’ibonaniro; Abisirayeli bākoze vyose, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose: uko ni ko bābikoze.