Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 40:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uheze ushiremwo ya sandugu y’ Ibishinga intahe, uyikingirize ca gihuzu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 40:3
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli gushitsa n’ubu, uti Yaba mw ihema akimukira mu rindi, yimuka mu rusago akaja mu rundi.


Nuko baze babāze isandugu mu giti citwa umushita: uburebure bg’umurambararo bgayo buze bube amatambge abiri n’igice y’ ukuboko uciriye mu nkokora, ubaguke bgayo bube itambge rimwe n’igice, uburebure bg’igihagararo bube itambge rimwe n’igice nyene.


Aho ni ho nzohora mbonanira nawe, nkakubarira ivyo ngushikirije vyose vy’ivyagezwe ngeze Abisirayeli, ndi hejuru y’uwo mutemere wo guhongerako, hagati y’abo bakerubi bo kw isandugu y’Ibishinga intahe.


Kand’ uz’ ujishe igihuzu co gukingīra, ukijishe mu nyuzi z’ amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama, no mu zera derere nziza zihinzwe neza; kize kijishwekw ibishushanyo vy’abakerubi, bijishwe n’abahinga bavyo.


rya hema ry’ibonaniro, na ya sandugu y’Ibishinga intahe, na wa mutemere wo guhongerako, n’ibindi bintu vyose vyo mur’ iryo hema;


na ya sandugu n’iminiho yayo, na wa mutemere wo guhongerako, n’igihuzu co gukīngīra Ahēra cane;


Mose abarira ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, at’ Ibi ni vyo Uhoraho yageze,


Uko ni ko barangije gukora ivy’ iryo hema vyose, ari ryo hema ry’ibonaniro; Abisirayeli bākoze vyose, nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose: uko ni ko bābikoze.


Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi.


Iyo hageze guhaguruka ngo mugende, Aroni yinjirane n’abana biwe, bamanure igihuzu gikingīra Ahēra cane, bagitwikirize isandugu y’Ibishinga intahe;


Kandi hirya y’igihuzu ca kabiri gikinze, hār’ ihema ryitwa Ahēra Cane:


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ