Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 40:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere uz’ ushinge iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 40:2
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ut’ Erega ntiyigeze kuba mu nzu uhereye igihe yadūganiye Abisirayeli gushitsa n’ubu, uti Yaba mw ihema akimukira mu rindi, yimuka mu rusago akaja mu rundi.


Mu mwaka wa mbere agiye ku ngoma, mu kwezi kwa mbere, yugurura inzugi z’ingoro y’Uhoraho, arazisana.


Uyu musi muviriyeyo n’uwo mu kwezi kwa Abibu.


Mu kwezi kugira gatatu Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Egiputa, ku musi wakwo wa mbere ni ho bashika mu bugaragwa bg’i Sinayi.


Maz’ ihema ry’imbere uz’ urikore urtya: urikoreshe impuzu cumi; izo mpuzu zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, no mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama; zize zijishwekw ibishushanyo vy’abakerubi, bijishwe n’abahinga bavyo.


Nuk’ uz’ ushinge iryo hema, nk’ukw ikigereranyo caryo werekewe kur’ uyu musozi kimeze.


Kand’ uz’ ujishe impuzu mu bushenza bg’impene, zibe ihema ryo hejuru ryo gupfuka iryo hema ry’imbere: ujishe impuzu cumi n’imwe.


Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Uze wābīre kuri yo, uyisye, uyigogōre, uyishire imbere ya vya Bishinga intahe mw ihema ry’ibonaniro, aho nzohora mbonanira nawe; iz’ ibabere iyera cane.


iryo hema ry’ imbere, n’ihema ryo hejuru yaryo, n’ivyo kurenza hejuru y’iryo hema; n’uturinda twaryo, n’imbaho zaryo, n’ibiti vyaryo vy’intumba, n’inkingi zaryo, n’ibitereko vyo kurokezamw’ imbaho n’inkingi;


Acura uturinda mirongwitanu mu miringa two gufatanya iryo hema, kugira ngo ricike rimwe ryiramvuriye.


Uheze ushire ca gicaniro co kwoserezakw ibimazi imbere y’ umuryango w’iryo hema, ari ryo hema ry’ibonaniro.


Mu mwaka ugira mirongwibiri na gatanu uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, kw itanguriro ry’umwaka, ku musi w’ icumi w’ukwezi, hashize imyaka cumi n’ine igisagara gitsinzwe, kur’ uwo musi nyene, ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, maz’ anjanayo.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo wa mbere, uze wābīre imasa y’umukangara idafise agasembga; uheze uz’ uhumanure ahēra.


Ku musi wa mbere w’ukwezi kwa kabiri kw’umwaka ugira kabiri bavuye mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho abaririra Mose mw ihema ry’ibonaniro, bari mu bugaragwa bg’i Sinayi,


Mose arangije gushinga rya hema, no kurirobanuza amavuta no kuryeza, bo n’ibintu vyaryo vyose, n’igicaniro n’ibintu vyaco vyose;


Mu kwezi kwa mbere, mu mwaka ugira kabiri bavuye mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho abaririra Mose mu bugaragwa bg’i Sinayi,


Ku musi rya hema ryashinzweko, ca gicu kiraza, kiraripfuka, ari ryo hema ry’Ibishinga intahe: maz’ uhereye ku mugoroba ugashitsa mu gitondo caba kur’ iryo hema gisa n’umuriro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ