7 Aramubarira, ati Gisubize mu gikiriza. Agisubizayo; maz’ agisokoroye, asanga gisubiye kumera nk’ahandi hose ku mubiri wiwe.
Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.
Aramvura ukuboko, amukorako, ati Ndakunze, humanuka.
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.
Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure,
Ati Kandi ni batakwemera, ngo bemezwe n’ ikimenyetso ca mbere, bazokwemezwa n’ica kabiri.