Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mose arayishura, at’ Erega ntibazonyemera, canke ngo banyumvire, kuko bazombarira, bat’ Uhoraho ntiyakwiyeretse.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 4:1
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi kur’ uwo musi nyene abaha ikimenyamenya, at’ Iki ni co kimenyamenya Uhoraho atanze: iki gicaniro kigira gisaduke, umunyota wo kuri co usēseke.


Aramwishura, ati Ni nde yakugize umukuru cank’ umucamanza wacu? Mbeg’ ugomba kunyica nk’uko wishe wa Munyegiputa? Mose aratinya, arivuganya, ati N’ukuri vyaramenyekanye.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:


Na bo bazokwumvira: kand’ uz’ ugende ku mwami wa Egiputa, mwe n’ abashingantahe b’Abisirayeli, mumubarire, mut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yaratwiyeretse: none turakwinginze, turekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi.


Mose abarira Uhoraho, ati Mwami, mbega ko ntar’ imvuzi, bikaba bitantanguyeko ejo canke hirya y’ejo, cank’ ubu aho tuvuganiye, jewe umusavyi wawe: kuko ntabangutse mu mvugo canke mu rurimi.


Aroni ababarira amajambo yose Uhoraho yatumye Mose, akorera vya bimenyetso imbere y’abantu.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


Mose arishura ar’ imbere y’ Uhoraho, ati Rāba, Abisirayeli ntibanyumviye, none Farawo yonyumvira ate, kand’ iminwa yanje ihumanye?


Ariko Mose yishura ar’ imbere y’Uhoraho, ati Rāba, iminwa yanje imeze nk’umubiri utākebge: none Farawo yonyumvira ate?


Maze ndavuga, nti Yō, erega Mwami Uhoraho, sinzi kuvuga, kuko nkiri muto.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Yibgira yukw ab’i wabo botahura kw Imana ibakirisha ukuboko kwiwe: ariko ntibabimenya.


Aramubgira, ati Ni naba ngiriwe akagongwe imbere yawe, n’unyereke ikimenyetso kinyemeza kw ari wewe ubgawe uvuganye nanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ