Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 38:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Maz’ akora urugo; ku ruhande ruhera i bumanuko, impuzu zo kubamba ngo zibe urugo zari zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, uburebure bgazo bg’amakika bgar’ amatambge ijana y’ukuboko uciriye mu nkokora.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 38:9
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Urugo rw’inyubakwa arwubakisha amabuye abājwe imirongo itatu igerekeranye, n’uwundi murongo w’ibiti bibājwe vy’amasederi.


Mushike mu birimba vyiwe mushima, No mu nyubakwa ziwe muhimbaza; Mumukengurukire, mushemagize izina ryiwe.


Kuko kumara umusi umwe mu nyubakwa zawe kuruta kumara iyindi igihumbi ahandi. Nopfuma mpagarara ku gisapfu c’ingoro y’Imana yanje, Hako noba mu mahema y’ abanyakibi.


Ubugingo bganje buri n’ umuvuro, mbere budendebuwe no kwifuza inyubakwa z’Uhoraho; Umutima wanje n’umubiri wanje bivugiriza impundu Imana nzima.


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Abatewe mu rugo rw’Uhoraho Bazototaharira mu nyubakwa z’Imana yacu.


Maz’ ihema ry’imbere uz’ urikore urtya: urikoreshe impuzu cumi; izo mpuzu zijishwe mu nyuzi zera derere nziza zihinzwe neza, no mu nyuzi z’amasufe no mu z’amashigisha no mu zisa n’agahama; zize zijishwekw ibishushanyo vy’abakerubi, bijishwe n’abahinga bavyo.


Ibirimbi vyo kuzimanikako vyari mirongwibiri, n’ ibitereko vyavyo vyo kubinegamwo vyari mirongwibiri nyene, bicuzwe mu miringa: imisumari yo kuri vyo yar’ icuzwe mw ifeza, bo n’ imitambikwa yo kuri vyo.


Araheza ashirah’ urugo rukīkūza iryo hema n’igicaniro impande zose, ashiraho n’impuzu yo gukinga mw irembo ryarwo. Uko ni ko Mose yarangije ico gikorwa.


Uheze ushireh’ urugo rukikuza impande zose, umanike n’impuzu yo gukinga mw irembo ryarwo.


n’impuzu zo kubamba ngo zibe urugo, n’igihuzu cakinga mw irembo ry’urwo rugo rukīkūza ihema n’igicaniro, n’imigozi, n’ ibikorwa vyavyo vyose.


n’ impuzu zo kubamba ngo zibe urugo, n’igihuzu co gukinga mw irembo ry’urwo rugo rukīkūza ihema n’igicaniro, n’imigozi yavyo, n’ibikoreshwa vyavyo vyose; ibikorwa vyo ku ruhande rw’ivyo vyose babe ari bo babikora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ