Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 38:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Acura ibintu vyose vy’ ico gicaniro: inzavya, n’ibintu vyo kuyoza umunyota, n’imibehe, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose yabicuze mu miringa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 38:3
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

na ya mibindi na vya vyuma vyo kuyora umunyota n’ivyo kwāruza inyama; ivyo bintu vyose Huramu‐abi yakoreye umwami Salomo vy’ingoro y’Uhoraho, yabikoze mu miringa y’imyākāka.


Maz’ akora igikarabiro citwa ikiyaga, akivugutiye mu nkero, ubgaguke bgaco, uhereye ku rubiga rw’uruhande rumwe ugashitsa ku rundi, bgar’ amatambge cumi y’ukuboko uciriye mu nkokora, bgarangana impande zose; uburebure bgaco bg’igihagararo bgar’ amatambge atanu; urubiga rwaco rwazengukwa n’umugozi w’amatambge mirongwitatu.


Kand’ uz’ ugicurire inzavya zo kuyoreramw’ umunyota waco, n’ibintu vyo kuwuyoza, bo n’imibehe yaco, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose ubicure mu miringa.


Agiha amahembe ku nkokora zaco ukw ari zine, ayo mahembe yaco yabāziwe kuri co, aba kimwe na co; araheza acomekakw imiringa.


Ico gicaniro agicurira ikintu c’insobane kimeze bga rusenga, agicuze mu miringa, agishira musi y’ igikugīrwa gikīkūje ico gicaniro, gihēra hasi, kigarukira ahacāgatije ico gicaniro nyene.


n’ivy’imituri abaherezi bāgenewe ku bimazi vy’abantu. Iy’ umuntu atanze ikimazi, inyama zigitētswe, umusuku w’ umuherezi yaraza, afise icuma mu ntoke cārura inyama c’ingobe zitatu;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ