2 Agiha amahembe ku nkokora zaco ukw ari zine, ayo mahembe yaco yabāziwe kuri co, aba kimwe na co; araheza acomekakw imiringa.
Non’ inkomezi zanje ni nk’iz’ amabuye? Canke se umubiri wanje ni nk’umuringa?
Ku nkokora zaco ukw ari zine uz’ ugihe amahembe, ayo mahembe yaco az’ abāzirwe kuri co, abe kimwe na co; uheze ucomekekw imiringa.
Abāza igicaniro co kwoserezakw ibimazi mu giti c’ umushita; uburebure bgaco bgar’ amatambge atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgaco bgar’ atanu nyene, cangana impande zose; uburebure bgaco bg’ igihagararo bgar’ amatambge atatu.
Acura ibintu vyose vy’ ico gicaniro: inzavya, n’ibintu vyo kuyoza umunyota, n’imibehe, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose yabicuze mu miringa.