Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 3:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nuko none ehe rāba, ugutaka kw’Abisirayeli kwanshitseko, kandi nabonye agahahazo Abanyegiputa babahahaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 3:9
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umumarayika w’Uhoraho arongera aramubgira, ati Rāba ufise inda, uzovyara umuhungu, kand’ uz’ umwite Ishimayeli, kuk’ Uhoraho yumvise kubabazwa kwawe.


Arambarira, at’ Unamura amaso yawe, urābe: eh’ impfizi z’ impene zose zūriye umukuku n’iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ ibidorodonzi: kuko nabonye ivyo Labani akugirira vyose.


Maze Yehowahazi atakambira Uhoraho, Uhoraho aramwumvira, kuko yabonye agahahazo umwami w’i Siriya yahahaza Abisirayeli.


riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.


Wabonye ivyago vya ba sogokuruza bacu bari muri Egiputa, wumva ugutakamba kwabo bari ku Kiyaga Gitukura,


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


Kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose Mu marembo y’umukobga w’i Siyoni; Kandi nzonezererwa agakiza kawe.


Nuko babaha abo kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babīkoreze ibiremereye. Bubakira Farawo ibisagara vyitwa Pitomu na Ramusesi vy’ibigega.


Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.


Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.


Hashize igihe kirekire, umwami wa Egiputa aratanga: Abisirayeli banihishwa no kuba mu buja, barataka; ugutaka batakishwa n’ubgo buja kuradūga, gushika ku Mana.


Imana yitegereza Abisirayeli, ibona uko bameze.


Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,


Nuko ndasubira nitegereza ivy’ agahahazo vyose bikorerwa musi y’izuba: kand’ eh’ amosozi y’abahahazwa ntibaronke ikibīrūra; kand’ ububasha bgari ku ruhande rw’ ababahahaza, ariko bo ntibaronke ikibīrūra.


Ni wabona umworo ahahazwa, kand’ urubanza n’ibiroranye vyicwa ku manyama mu gihugu, ntibize bigutangaze: kukw Iyirusha abakuru ubukuru ivyitegereza, kandi har’ ubukuru bubarengeye.


Ni mwumve iri jambo, yemwe mwa mahogazi y’i Bashani, muba ku musozi Samariya, yemwe abahahaza abagorwa, mukavungavunga abakene, mukabarira abanega banyu, muti Ni muzane tunywe!


Maze dutakambira Uhoraho Imana ya ba sogokuruza, Uhoraho yumva ugutakamba kwacu, abona amarushwa yacu, n’ ubucumukure bgacu, n’agahahazo turimwo.


at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ