Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 3:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 kandi mmanukanywe no kubarokora, mbakūre mu maboko y’ Abanyegiputa, mbadūgane, mbakūre mur’ ico gihugu, mbajane mu gihugu ciza cāgutse, gitemba amata n’ubūki, kibamw’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 3:8
54 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu abarira ab’i wabo, ati Ndi hafi gupfa; arikw Imana ntizobura kubagendera, ikabakūra mur’ iki gihugu, ikabajana mu gihugu yarahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo kw izobaha.


ndavuga, nti Nzobakūra mu marushwa barimwo muri Egiputa, mbadūgane mu gihugu c’ Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abamori, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’ Abayebusi, igihugu gitemba amata n’ubūki.


Bamura ku vyo ico gihugu cama, barabituzanira, batubarira inkuru, bat’ Igihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye ni ciza.


Nuko rer’ Uhoraho ni yamara kubashikana mu gihugu c’Abanyakanani n’Abaheti n’Abamori n’Abahiwi n’Abayebusi, ico yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, igihugu gitemba amata n’ubūki, muze mwame mwitondera uyo muhango mur’ uku kwezi, iyo gutashe hose.


kugira ngo mbone gushitsa indahiro narahiye ba sogokuruza, yuko nzobaha igihugu gitemba amata n’ubūki, nk’uko bimeze uyu musi. Nuko ndishura, nti Amen, Uhoraho.


Babarira Mose, bati Twarashitse mu gihugu wadutumyemwo, kandi n’ivy’ ukuri koko gitemba amata n’ubūki; kandi ngivyo ivyo twamuyeyo.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


ni kur’ uwo musi nyene namanitse ukuboko mbarahira ko nzobakūra mu gihugu ca Egiputa nkabajana mu gihugu nabatoreye, igihugu gitemba amata n’ubūki, igihugu c’agaheta mu bihugu vyose.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’ Uhoraho aryoshe: Hahirwa ūmuhungirako.


Nuko kur’ uwo musi nyene, Uhoraho akūra Abisirayeli mu gihugu ca Egiputa, ukw imitwe y’ingabo zabo yangana.


ukabaha iki gihugu, ico warahiye ba sekuruza babo kuzobaha, ar’ igihugu gitemba amata n’ubūki;


Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.


muheze muyandikekw amajambo yose y’ivyo vyagezwe, mugiheza kujabuka, kugira ngo mubone kwinjira ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye, igihugu gitemba amata n’ubūki, nk’ uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.


Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwegukira, agasohora amahanga menshi ngw ababise, Abaheti n’Abagirugashi n’Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi, amahanga ndwi abarusha ubginshi n’inkomezi;


Maz’ Uhoraho amanukanwa no kurāba ico gisagara n’uwo munara, abana b’abantu bubatse.


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Icompa ugasatura ijuru ukamanuka, imisozi igahindira agashitsi imbere yawe,


Uz’ uhore witondera ivyo nkugera uyu musi: rāba, nzokwirukana Abamori, n’Abanyakanani, n’Abaheti, n’Abaferizi, n’Abahiwi, n’Abayebusi, babave imbere.


ndamanutse ndābe yuko bakora ibihwanye rwose n’ukw induru zaho zanshikiriye; kandi namb’ atari ko biri, ndabimenye.


maz’ iryo hanga bazokorera nzoricirakw iteka: arikw amaherezo bazorivamwo, bakūyey’ ubutunzi bginshi.


wabonye umutima wiwe kw ar’ uwo kwizigirwa imbere yawe, usezerana na we isezerano ryo kuzoha uruvyaro rwiwe igihugu c’Abanyakanani n’ic’ Abaheti n’ic’ Abamori n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abayebusi n’ic’ Abagirugashi; kand’ iryo sezerano wararishikije kuko wama ugororoka.


Uhoraho azobasesekariza ivyiza, agwize uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’urwo mu masho yanyu, n’ imirima yo mu ndimiro zanyu, mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.


Nuko ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mu kuvuga kwabo.


Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.


Maz’ abami bose bo hakuno ya Yorodani, bo mu mugamba waho, n’abo mu misozi iciye bugufi, n’abo ku kiyaga kinini, aharābana n’i Lebanoni, Abaheti n’ Abamori n’Abanyakanani n’Abaferizi n’Abahiwi n’Abayebusi bavyumvise,


ni mukebanuke, mufate inzira, muje mu mugamba w’Abamori n’ahandi hose hahereranye na ho mu kiyaya citwa Araba, hose mu mugamba n’ahaciye bugufi, n’i Negebu, no mu kiyaya c’ikiyaga mu gihugu c’Abanyakanani, n’i Lebanoni, muze murinde mushitsa ku ruzi runini Efurate.


murābe n’ico gihugu babamwo kw ari ciza canke kw ari kibi, n’ibisagara babamwo uko bimeze, ko baba mu mahema canke mu bisagara bizitijwe inzitiro z’amabuye;


Uhoraho abarira Aburamu, at’ Umenye neza yuk’ uruvyaro rwawe ruzoba inyambukīra mu gihugu kitar’ icabo, kandi bazokorera bene co, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane;


Jewe ubganje nzomanukana nawe muri Egiputa, kandi ni jewe nzogukūrayo; kandi Yosefu ni we azohwamikira ingohe ku maso yawe igihe uzopfa.


Kuk’ uhereye aho nashikiye kwa Farawo, nkamubarira mw izina ryawe, yaciye agirira nabi ubu bgoko: nawe nta co watabaye abantu bawe na gatoya.


Iyo myaka ukw ar’ amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’ uwo musi nyene, amasinzi yose y’ ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa.


None rero, yemwe Bisirayeli, ni muvyumve, muvyitondere; kugira ngo mumererwe neza, mugwire cane, muri mu gihugu gitemba amata n’ ubūki, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.


Yamara mweho nabadūganye mbakuye mu gihugu ca Egiputa, mbarōngōra mu bugaragwa imyaka mirongwine, kugira ngo mwegukire igihugu c’Abamori nyene.


Se Isirayeli arababgira, at’ Enda ko bimeze birtyo, ni mugenze murtya: mujane mu magunira yanyu ibiba mur’ iki gihugu birusha ibindi kuba vyiza, mubishīre uwo mugabo kw ingemurano: umuti wo gusomōra ugeze, n’ ubūki bugeze, n’imibavu, n’isenga, n’ibiyoba, na shakedi;


Ariko mwebge narababgiye, nti Ni mwebge muzokwegukira igihugu cabo, kandi nzokibaha, kibe icanyu, ico gihugu gitemba amata n’ubūki: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabatandukanije n’ayandi mahanga.


murābe ico gihugu uko kimeze, n’abantu bakibamwo kw ar’abahizi canke kw ar’ abanyantege nke, murābe n’ukw ari bake canke kw ari benshi;


kukw Abisirayeli bari bamaze imyaka mirongwine bagendagenda mu bugaragwa, kugeza ah’ abahizi bose b’iryo hanga bavuye muri Egiputa bāherengetereye, kuko batumviye Uhoraho. Kand’ Uhoraho yari yarabarahiye kw atazokunda ko babona igihugu yarahiye ba sekuruza babo kw azokibaha, ni co gihugu gitemba amata n’ubūki.


Maz’ Abisirayeli bishura abo Bahiwi, bati Kumbure mur’ abo tubana: none twohava tugasezerana namwe dute?


Amajambo y’Uhoraho n’icuma gihiye: Ameze nk’ifeza iramuriye mu ruganda rwo mw isi, Ivugutiwe ibihetangabo ndwi.


ngo Gushitsa igihe azozira akabajana mu gihugu gihwanye n’icanyu, igihugu c’ingano na vino, igihugu c’indya n’inzabibu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ