7 Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,
Umumarayika w’Uhoraho arongera aramubgira, ati Rāba ufise inda, uzovyara umuhungu, kand’ uz’ umwite Ishimayeli, kuk’ Uhoraho yumvise kubabazwa kwawe.
ndamanutse ndābe yuko bakora ibihwanye rwose n’ukw induru zaho zanshikiriye; kandi namb’ atari ko biri, ndabimenye.
Imana yumva ijwi ry’uwo muhungu; maz’ umumarayika w’ Imana ari mw ijuru, ahamagara Hagari, aramubaza, at’ Ubaye iki ga Hagari? Nta co utinya! kukw Imana yumvise ijwi ry’uwo muhungu ah’aryamye.
Leya asama inda, avyara umuhungu, amwita Reyubeni, ati N’uk’ Uhoraho yabonye umubabaro wanje; noneh’ umugabo wanje azonkunda.
Arambarira, at’ Unamura amaso yawe, urābe: eh’ impfizi z’ impene zose zūriye umukuku n’iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ ibidorodonzi: kuko nabonye ivyo Labani akugirira vyose.
Iy’ itaba Imana ya data yarabanye nanje, Imana ya Aburahamu, iyo Isaka nyene yubaha, ntiwari kubura kundungika nd’inkokore. Imana yabonye umubabaro wanje n’ubutame bganje, maz’ iri joro yarāye irwahukanije.
Abacishijwe bugufi uzobakiza, Arikw igitsure cawe kiri ku bībone, kugira ng’ ubasubize hasi.
Maze Yehowahazi atakambira Uhoraho, Uhoraho aramwumvira, kuko yabonye agahahazo umwami w’i Siriya yahahaza Abisirayeli.
riti Subira inyuma, ubarire Hezekiya segaba w’abantu banje, ut’ Uku ni k’Uhoraho, Imana ya sogokuruza Dawidi, agize: uti Ngo Yumvise ugusenga kwawe, abonye n’amosozi yawe; ut’ Eh’ azogukiza; uti Maze ku musi ugira gatatu uzodūga uje mu ngoro yiwe.
Wabonye ivyago vya ba sogokuruza bacu bari muri Egiputa, wumva ugutakamba kwabo bari ku Kiyaga Gitukura,
Yamara yashira umutima ku mubabaro wabo, Uko yumvise ugutakamba kwabo:
Amajambo y’Uhoraho n’icuma gihiye: Ameze nk’ifeza iramuriye mu ruganda rwo mw isi, Ivugutiwe ibihetangabo ndwi.
Iy’ umutima wanje undendebukiyemwo ni wewe umenya iminyuro yanje. Mu nzira ncamwo bantezemw’ umutego.
Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; Kand’ azokwumva ugutakamba kwabo, abakize.
Kukw atāgaye cank’ atanse urunuka amarushwa y’umurushwa, Kand’ atāmuhishije mu nyonga hiwe: Arikw amutakambiye, yaramwumvise.
Narondeye Uhoraho, aranyitaba, Ankiza ubgoba nari mfise bgose.
Uyu mugorwa yaratakamvye, Uhoraho aramwumva, Amukiza amarushwa yiwe yose.
Nawe warabibonye, Uhoraho; ntucereze: Mwami, ntumbe kure.
Kugira ngo nerekanire ishimwe ryawe ryose Mu marembo y’umukobga w’i Siyoni; Kandi nzonezererwa agakiza kawe.
Nuko babaha abo kubakebera ibikebere ngo babatwaze ituntu babīkoreze ibiremereye. Bubakira Farawo ibisagara vyitwa Pitomu na Ramusesi vy’ibigega.
Nuko muri Egiputa hima uwundi mwami, atigeze kumenya ivya Yosefu.
Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoya, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo;
None rero, ndakwinginze, asangwa nagiriwe ubuntu imbere yawe koko, n’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe: kandi wibuke yukw iryo hanga ar’ iryawe.
Abakoresha ubgo bgoko barasohoka, bo n’abarōngōzi babo, babarira abantu, bati Farawo agize ngo ntakibaha ibiganogano.
Kur’ uwo musi nyene Farawo abarira abakoresha abo bantu, n’abarōngōzi babo,
Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.
Maze batakambiye Uhoraho, yumva ijwi ryabo, atuma umumarayika, abakūra muri Egiputa. Ngo Non’ ehe rāba, bar’ i Kadeshi, igisagara co ku rubibe rwawe.
N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise umuniho wabo, none mmanukanywe no kubarokora: kandi none n’uze ndagutume muri Egiputa.
Kuk’ umuherezi mukuru dufise, atar’ ūdashobora kubabarana natwe mu ntege nke zacu, ariko n’uwageragejwe uburyo bgose nkatwe, yamara we nta caha yakoze.
at’ Ejo nka magingo aya nzokurungikira umuntu avuye mu gihugu c’Ababenyamini; uz’ umwimikishe amavuta, abe umwami w’abantu banje Abisirayeli. Ni we azokiza abantu banje, abakūre mu maboko y’Abafilisitiya; kuko nitegereje abantu banje, kand’ ugutaka kwabo kwanshitseko.