Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 3:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Uhoraho abonye yukw akīkamishwa no kubirāba, Imana imuhamagara iri hagati mur’ ico gisaka, iti Mose, Mose! Aritaba, ati Sabge!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 3:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Maz’ umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw ijuru, at’ Ewe Aburahamu, Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.


Yakobo arikangura, aravuga, ati N’ukuri Uhoraho ar’ aha hantu; nanje sinari ndabizi.


Maze mw ijoro Imana ihamagara Isirayeli ari nko mu nzozi, iti Yakobo we! ewe Yakobo! Aritaba, ati Sabge!


Imana yavuze rimwe; Navyumvise kabiri; Ngw Imana ni yo ifise inganji:


Mose adūze ah’ Imana iri, Uhoraho amubarira n’ijwi rirenga ari kur’ uwo musozi, at’ Uku abe ari k’ubarira ab’ inzu ya Yakobo, ubgire Abisirayeli,


Umumarayika w’Uhoraho amubonekerera mu rubeya rw’umuriro uva hagati mu gisaka c’amahwa: aritegereza, abona ico gisaka cakamw’ umuriro, ariko nticatemuka.


Maze Mose abgira Uhoraho, ati Rāba, wambariye ngo Dūgana abo bantu, ariko ntiwammenyesha uwo udutumanye. Yamara waravuze, uti Ndakuzi izina, kandi wagiriwe ubuntu imbere yanje.


At’ Ivyo n’ukugira ngo baze bemere yuko jewe Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, nakwiyeretse, ari jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo.


Uhoraho ari mw ihema ry’ibonaniro ahamagara Mose, aramubarira,


Haza ijwi, riramubarira, riti Va hasi, Petero, ubāge, urye.


Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w’Imana yinjiye i we hāri nk’isaha cenda z’umusi: aramuhamagara, ati Koruneliyo.


Yikubita hasi, yumva ijwi rimubaza, riti Sauli, Sauli, umpīgira iki?


N’uw’ ibirenze ibindi vyo mw isi n’ibiyuzuye, N’uw’ ubuntu bg’Imwe yari muri ca gisaka c’amahwa: Umugisha ube ku mutwe wa Yosefu, Mu gitwariro c’uwagizwe mukuru muri bene se.


Maz’ Uhoraho araza ahagarara ngaho, aramuhamagara nk’ubga mbere, ati Samweli we! Ewe Samweli! Na we ati N’uvuge, kuk’ umusavyi wawe nteze amatwi.


Uhoraho ahamagara Samweli; na we ati Sabge!


Uhoraho yongera guhamagara, ati Samweli! Nuko Samweli aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Na we at’ Eka singuhamagaye, mwananje: subira kuryama.


Nuk’ Uhoraho yongera guhamagara Samweli ubugira gatatu. Aravyuka, aja iyo Eli ari, ati Ndaje nditavye. Maze Eli aca amenya kw ar’ Uhoraho ahamagaye uwo mwana;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ