umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.
Genda, uz’ ukoranye abashingantahe b’Abisirayeli, ubabgire, ut’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, yaranyiyeretse, ari yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo, irambarira, iti N’ukuri nabagendeye, mbona ivyo babagirira muri Egiputa:
Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.
Arikw ivy’ abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, ingen’ Imana yamubgiye, iti Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo?
Arikw abāpfuye ko bazuka na Mose yabimenyekanishije hamwe havuga ivy’ Igisaka c’amahwa, aho yita Uhoraho Imana ya Aburahamu n’Imana ya Isaka n’Imana ya Yakobo.
N’uw’ ibirenze ibindi vyo mw isi n’ibiyuzuye, N’uw’ ubuntu bg’Imwe yari muri ca gisaka c’amahwa: Umugisha ube ku mutwe wa Yosefu, Mu gitwariro c’uwagizwe mukuru muri bene se.