Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Ico gihe Mose yaragira umukuku w’intama za Yetiro sebukwe, umuherezi w’i Midiyani: aturukiriza umukuku hirya y’ ubugaragwa, ashika ku musozi w’Imana, i Horebu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 3:1
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw aravyuka, ararya, aranywa; izo ndya azigendera imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ashika i Horebu ku musozi w’Imana.


Ehe rāba nanje ndahagarara imbere yawe hariya ku gitandara c’i Horebu; nawe uheze uje gukubita ico gitandara, amazi aca yisuka avuye muri co, abantu banywe. Nuko Mose abikora artyo imbere y’abakuru b’Abisirayeli.


Mose abarira Hobabu, mwene Ruweli sebukwe Umumidiyani, ati Turi mu rugendo tuja mu gihugu Uhoraho yatwemereye kw azoduha; enda n’uze tujane, natwe tuzokugirira neza: kuk’ Uhoraho yasezeranye kugirira Abisirayeli neza.


Ni mwibuke ivyagezwe vy’ umusavyi wanje Mose, amabgirizwa n’ivyashinzwe, ivyo namugereye i Horebu kuba ivyo kuganza Abisirayeli bose.


Heberi w’Umunyakeni yari yaritandukanije n’Abanyakeni bandi, ari bo buzukuruza ba Hobabu muramu wa Mose, yar’ ashinze ihema ryiwe musi y’igiti c’umweloni i Sananimu, hafi y’i Kedeshi.


umusi ugira gatatu uz’ ushike bīteguye: kuko jewe Uhoraho ku musi ugira gatatu nzomanuka nze kur’ uyu musozi Sinayi imbere y’abantu bose.


Mur’ iyo ntāra hār’ abungere bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo.


Bacurira imasa i Horebu, Basenga igishushanyo bāvugutiye mu nkero.


Kandi ntimwibagire wa musi mwari muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu kuri Horebu, igihe Uhoraho yambarira, ati Nkoraniriza abantu, mbacūrire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n’abana babo;


at’ Uhoraho Imana yacu yatubaririye i Horebu, at’ Igihe mumaze kur’ uyu musozi kirahāgīje:


Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe, adūga ku musozi w’Imana.


Mose adūze ah’ Imana iri, Uhoraho amubarira n’ijwi rirenga ari kur’ uwo musozi, at’ Uku abe ari k’ubarira ab’ inzu ya Yakobo, ubgire Abisirayeli,


Iramubarira, iti Reka kwēgēra hano, kandi kūra inkweto mu birenge vyawe, kukw aho hantu uhagaze ar’ahēra.


Kandi hār’ umuherezi w’i Midiyani yar’ afise abakobga ndwi: baraza, baravoma, buzuza ingomero, ngo bashore umukuku w’ intama wa se.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Uhoraho abarira Aroni, ati Ja mu bugaragwa, usanganire Mose. Aragenda, bahūrira ku musozi w’Imana, aramugumbira.


Maze Mose ashima kubana n’uwo muntu: na we arahava amuha umwigeme wiwe Zipora.


Bashitse kwa se Ruweli, arababaza, ati Ko muje n’ ingoga uyu musi?


Imyaka mirongwine ishize, umumarayika amubonekerera mu rubeya rw’umuriro waka mu gisaka c’amahwa mu bugaragwa bgo ku musozi Sinayi.


Iramwishura, it’ Erega nzoba ndi kumwe nawe, kand’ iki ni co kizokubera ikimenyamenya kw ari jewe nagutumye: ni wamara gukūra ubgo bgoko muri Egiputa, kur’ uyu musozi nyene ni ho muzonsabira.


Mose aragenda, asubira kwa Yetiro sebukwe, aramubarira, ati Ndagusavye, undekure, nsubire ku b’i wacu bari muri Egiputa, ndābe yuko bakiriho. Yetiro yishura Mose, ati Genda amahoro.


Nuko Yetiro, sebukwe wa Mose, ajana ikimazi co kwosa n’ibindi bimazi vyo gushikanira Imana: Aroni n’abakuru bose b’Abisirayeli baraza, ngo basangirire na sebukwe wa Mose imbere y’Imana.


Bavuye i Refidimu bataha mur’ ubgo bugaragwa bg’i Sinayi nyene, bashingah’ amahema, Abisirayeli basagaza ngaho, imbere y’uwo musozi.


Nukw Abisirayeli biyambura utugenegene twabo, uhereye bakiva ku musozi Horebu, no mu rundi rugendo rwabo rwose.


Uvuye i Horebu, ukaja ī Kadeshi‐baruneya, uciye ku musozi Seyiri, n’urugendo rw’ imisi cumi n’umwe.


Nuko barahaguruka, bava ku musozi w’Uhoraho, bagenda urugendo rw’imisi itatu; kand’ isandugu y’isezerano ry’Uhoraho ibaja imbere iyo misi itatu y’urugendo, kugira ngw ibaronderere aho baruhukira.


Maze Samweli abaza Isayi, ati Mbeg’ abana bawe bose n’abo? Aramwishura, ati Hasigaye umuhererezi, ariko rer’ ari ku ntama. Nuko Samweli aramubarira, ati Tuma ūja kumuhamagara, kuko tutaribgicare ngo turye ataraza.


Nukw avayo, aragenda abona Elisa mwene Shafati, arikw ararimisha inka mirongwibiri na zine zirongōye imbere yiwe, zisangiye ingōgo ari zibiri‐zibiri, na we ari ku z’imperēra; Eliya akebereza iy’ ari, amutererak’ umutamana wiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ