Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 27:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kand’ uz’ ugicurire inzavya zo kuyoreramw’ umunyota waco, n’ibintu vyo kuwuyoza, bo n’imibehe yaco, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose ubicure mu miringa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 27:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ imibindi n’ivyuma vyo kuyora umunyota n’imibehe Hiramu arabikora na vyo. Uko ni ko yanonosoye igikorwa cose yakorera umwami Salomo c’ingoro y’Uhoraho.


na ya mibindi na vya vyuma vyo kuyora umunyota na ya mibehe; ivyo bintu vyose Hiramu yakoreye umwami Salomo vy’ingoro y’Uhoraho, yabikoze mu miringa y’imyakaka.


n’ inzavya, n’imbugita, n’imibehe, n’udukombe, n’udusahani two gushirwak’ umunyota, na vyo nyene vyar’ ivy’ izahabu iramuye; n’ amapata y’inzugi zija haruguru, ari ho Hēra Cane, n’ay’ inzugi z’ingoro ubgayo, ari rwo rusengero, na yo yar’ ay’ izahabu.


Bajana n’imibindi, n’ivyuma biyora iminyota, n’imakasi, n’ udukombe, n’ibintu vyacuzwe mu miringa vyose bākoresha mu vyo guhereza;


kandi n’ivyotero n’inzavya na vyo, uwo mukuru w’abashibamyi arabijana, ivyacuzwe mw izahabu ukwavyo, n’ ivyacuzwe mw ifeza ukwavyo.


amuha n’ icitegererezo c’ibintu vyo kwōkōza inyama, n’imibehe n’ibikombe, uko bizocurwa mw izahabu iramuye, amugereraniriza n’urugero rw’ amazahabu yo kuzocurishamw’ inzavya zose, n’urw’ amafeza yo kuzocurishamw’ inzavya z’amafeza nyene;


Maz’ imibindi n’ivyuma vyo kuyora umunyota n’imibehe Huramu arabikora na vyo. Uko ni ko yanonosoye igikorwa yakorera umwami Salomo c’ingoro y’Imana.


na ya mibindi na vya vyuma vyo kuyora umunyota n’ivyo kwāruza inyama; ivyo bintu vyose Huramu‐abi yakoreye umwami Salomo vy’ingoro y’Uhoraho, yabikoze mu miringa y’imyākāka.


Mose yābīra igice ca kabiri c’amaraso, agisuka mu nzavya, ikindi na co akimija ku gicaniro.


Ibikoreshwa vyose vy’iryo hema vy’ ibikorwa vyaryo vyose, bo n’imambo zaryo zose, n’imambo zose z’urugo, bize bicurwe mu miringa.


Ku nkokora zaco ukw ari zine uz’ ugihe amahembe, ayo mahembe yaco az’ abāzirwe kuri co, abe kimwe na co; uheze ucomekekw imiringa.


Uz’ ugicurire ikintu c’insobane kimeze bga rusenga, ugicuze mu miringa; kand’ ico kintu kimeze nk’urusenga, uz’ ugitērekw ibigombo bine ku nkokora zaco ukw ari zine, ubicuze mu miringa.


Acura ibintu vyose vy’ ico gicaniro: inzavya, n’ibintu vyo kuyoza umunyota, n’imibehe, n’ivyo kwōkōza inyama, n’ivyo kurahuza: ivyo bintu vyaco vyose yabicuze mu miringa.


Yābire icotero, acuzuze amakara y’umuriro akūye ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agende yujuje amashi imibavu iseye igogōye, y’ ibintu bimoga, avyinjize hirya ya ca gihuzu;


bagereke hejuru ibintu vyaco vyose bakoresha ibikorwa vyaco, ar’ ivyo kurahuza, ar’ ivyo kwōkōza inyama, ar’ ivyo kuyoza umunyota, ar’ imibehe, mber’ imbombovu yose y’ico gicaniro; baheze bongere bakirenzekw ico kugitwikira co mu nsāto za tahashi, binjize n’iminiho kuri co.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ