Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 22:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Arik’ ūzomwica izuba rirashe, amaraso yiwe azomukora. Umusuma akwiye kuriha; na ho ni yaba adafise ico ariha, agurwe ahōrwa ubusuma bgiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 22:3
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arabishura, ati Nuko rero, birakora bibe nk’uko mubivuze. Uwo kija kubonekako ni we azohinduka umuja wanje, namwe abandi muzoba mweze.


Ni hagira ūgura umugurano w’Umuheburayo nka we, az’ amujākarire imyaka itandatu: mu mwaka ugira indwi az’ arekurwe, yībēre mu mwidegemvyo, ata co yicunguje.


nyene rwo az’ arihe ico yar’ imaze, ahe nyene yo amahera, umuvyimba ube uwa nyen’ urwobo.


Umusuma ni basanga amena, bakamutsindaho, uwamwishe amaraso yiwe ntaz’ amukore.


Muremēshe imitima y’ab’i Yerusalemu, mubabgire musemerera yukw intambara zaho zabangurukanye, k’ umwenda w’igicumuro cabo ushize, kukw ivyaha vyabo vyose babihaniwe kabiri n’ukuboko kw’ Uhoraho.


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Ariko kukw atar’ afise ico yishura, shebuja agera ko bamugura, n’umugore, n’abana, n’ivy’ afise vyose, ng’ umwenda wishurwe.


Uburake bg’ Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’Abafilisitiya no mu y’ Abamoni.


Uburake bg’ Uhoraho buca buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko y’ abanyazi, barabanyaga, abatanga mu maboko y’abansi babo babakikije, bituma batagishobora guhagarara imbere y’abansi babo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ