2 Umusuma ni basanga amena, bakamutsindaho, uwamwishe amaraso yiwe ntaz’ amukore.
Umwicanyi azinduka mu gahuru, akica impahazwa n’ umukene; No mw ijoro amera nk’igisuma.
Mu mwiza bimba amazu: Ku murango bakīrirwa biyugaranye; Ntibazi umuco.
Bāciwe mu bantu; Bahabga induru nk’ibisuma.
Mbere no ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro, kand’ utābafashe bamena inzu.
Igihe nagomba gukiza Abisirayeli, haciye haseruka ibigabitanyo vy’Abefurayimu, bo n’ivyaha vy’i Samariya; kuko bakora ivy’ ibinyoma: abasuma barāra baramena amazu, igitero c’abambuzi kikamburira hanze.
Batera igisagara, bakarengera inzitiro z’ amabuye biruka, bakūrira amazu bakayītera imbere, bagaca mu madirisha nk’ibisuma.
ūhōra uwishwe akamusanga inyuma y’urugabano rw’ico gisagara abamwo c’ubuhungiro, akamwica, amaraso y’uwo mukoracumu ntazomusubirako;
Arikw ibi mubimenye: iyaba nyen’ urugo yar’ asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze kw inzu yiwe yimbga.
Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.
Ntihakagire umuntu wo muri mwebge ahōrwa kuba umwicanyi canke kuba igisuma canke kuba inkozi y’ikibi canke kwita mu vyo atagezwemwo.