8 Umukobga wa Farawo aramwishura, at’ Ego me, genda. Nuk’ uwo mukobga aragenda, ahamagara nyina w’uwo mwana.
N’iyo data na mama bonta, Uhoraho azonyitorera.
Maze mushiki we abaza uwo mukobga wa Farawo, ati Mbega sinoja kukuronderera umugore wo mu Baheburayo ngw amukwonkereze?
Umukobga wa Farawo aramubarira, ati Jana uyu mwana, umunyonkereze, nzokugerera. Uwo mugore ajana uwo mwana, aramwonsa.
Amuramu arongora Yokebedi inasenge: bavyarana Aroni na Mose; imyaka Amuramu yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.
Maze ndaguserukako, ndakwitegereza, mbona yuk’ ushitse mu gihe uteye igomwe; maze ngutērerak’ umwambaro wanje, nambika ubgambure bgawe; mbere narakurahiye, nsezerana nawe isezerano, ucika uwanje, ni k’ Umwami Uhoraho agize.