7 Maze mushiki we abaza uwo mukobga wa Farawo, ati Mbega sinoja kukuronderera umugore wo mu Baheburayo ngw amukwonkereze?
Kandi Miriyamu yavugishwa n’Imana, mushiki wa Aroni, ahitana agashāko k’ingoma; abagore bose barasohoka, baramukurikira bari n’udushāko tw’ingoma, bagenda baravyina;
Mushiki we aramwitangūra, ngw arābe ico yoba.
Arakarumūra, asanga karimw’ umwana: kand’ uwo mwana yarikw ararira. Amutera akagongwe, at’ Uyu n’umwana wo mu Baheburayo.
Umukobga wa Farawo aramwishura, at’ Ego me, genda. Nuk’ uwo mukobga aragenda, ahamagara nyina w’uwo mwana.
Miriyamu na Aroni banegura Mose, kubg’ Umunyetiyopiyakazi yābiriye; kuk’ uwo Munyetiyopiyakazi yari yaramwābiriye koko.
Muka Amuramu yitwa Yokebedi, yari mwene Lewi, yavukiye muri Egiputa. Bavyarana na Amuramu Aroni na Mose na Miriyamu mushiki wabo.