6 Arakarumūra, asanga karimw’ umwana: kand’ uwo mwana yarikw ararira. Amutera akagongwe, at’ Uyu n’umwana wo mu Baheburayo.
uharire abantu bawe ivyaha n’ibicumuro vyabo vyose bagucumuyeko, ubahe gutera akagongwe ababafashe mpiri, kugira ngo babagirire imbabazi;
Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.
Agatuma batera akagongwe Abābajanye kw inyagano bose.
Farawo araheza abarira abantu biwe bose, at’ Umuhungu wese azovuka, muze mumute mu ruzi, arik’ umukobga mumureke.
Maz’ umukobga wa Farawo amanuka kwiyuhagira mu ruzi, incoreke ziwe zigendagenda ku nkombe y’uruzi. Abona ka gatebo mu rufunzo, atuma incoreke yiwe kukazana.
Maze mushiki we abaza uwo mukobga wa Farawo, ati Mbega sinoja kukuronderera umugore wo mu Baheburayo ngw amukwonkereze?
Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.
kugira ng’ umuntu wese arekure umuja wiwe, ar’ uwitwa umuhungu, cank’ umukobga, ar’ Umuheburayo cank’ Umuheburayokazi abe uwidegemvya; kugira ngo hoye kuba ūbagaba, ar’ Umuyuda ngw agabe mugenzi we.
amaze gutābga, umukobga wa Farawo aramutora, amurerera kuba umwana wiwe.
Ibisigaye, mwese muhūze umutima, mubabarane, mukundane nk’abavukana, mugiriranire imbabazi, mwicishe bugufi mu mutima;