5 Maz’ umukobga wa Farawo amanuka kwiyuhagira mu ruzi, incoreke ziwe zigendagenda ku nkombe y’uruzi. Abona ka gatebo mu rufunzo, atuma incoreke yiwe kukazana.
Ibikona bikāma bimuzanira umutsima n’inyama uko bukeye, mu gitondo no ku mugoroba; kand’ akāma anywa amazi kur’ uwo mugezi.
Kubgo kunyagwa kw’umugorwa, kubgo kwitsa umutima kw’umukene, Ubu nyene ndahaguruka, ni k’Uhoraho agize, Ndashira uwo bakanira ahatagira inkomanzi.
Imana ni yo buhungiro bgacu n’inkomezi zacu, N’umufasha atabura guseruka mu magorwa.
N’ukuri uburake bg’abantu buzogushimisha, Uburake buzoba busigaye uzobukenyera.
Kand’ Uhoraho azoba ubuhungiro bg’abadenderezwa, Azoba ubuhungiro mu bihe vy’amagorwa.
Arakarumūra, asanga karimw’ umwana: kand’ uwo mwana yarikw ararira. Amutera akagongwe, at’ Uyu n’umwana wo mu Baheburayo.
Mu gatondo uz’ uje iyo Farawo ari; eh’ azoba aja ku ruzi, nawe uz’ uhagarare ku nkombe y’uruzi, umurorēre; kand’ uze witwaze ya nkoni yahinduka inzoka.
Uhoraho abarira Mose, at’ Uz’ uzinduke kwa Farawo mu gaturuturu, uhagarare imbere yiwe; eh’ azoba yīkoze aja ku ruzi; umubarire, ut’ Uhoraho agize ngo Reka abantu biwe bagende, bamusabe.
Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.
Uhoraho agera urufi runini ngo rumire Yona. Maze Yona amara mu nda y’urufi imisi itatu n’amajoro atatu.
Maz’ Uhoraho abarira urwo rufi, rudahwa Yona i musozi.
amaze gutābga, umukobga wa Farawo aramutora, amurerera kuba umwana wiwe.