9 Mose abarira Yosuwa, ati Dusobanurire abantu, ubajane murwanye Abamaleki; nanje ejo nzohagarara ku mpinga y’umusozi, nitwaje ya nkoni y’Imana.
Nuko Mose araza, avugira amajambo yose y’iyo ndirimbo mu matwi y’abantu, afatanije na Yosuwa mwene Nuni.
Mose avana hasi na Yosuwa umufasha wiwe, adūga ku musozi w’Imana.
Mose akora umugore n’abana, abashira ku ndogoba, asubira mu gihugu ca Egiputa, yitwaje na ya nkoni y’ Imana.
Uhoraho aramubaza, at’ Ico ufise mu kuboko n’iki? Aramwishura, ati N’inkoni.
Kukw iyaba Yosuwa yarabaruhuye, ntiba yaravuze ubga nyuma ivy’ uwundi musi.
Iryo, ba sogokuruza barihawe na ba sekuru babo, barishikana ino, Yosuwa ari kumwe na bo, hamwe bātsinda amahanga, Imana iyirukana imbere ya ba sogokuruza, gushitsa ku gihe ca Dawidi.
Yosuwa mwene Nuni, yabaye umufasha wa Mose uhereye mu busore bgiwe, aramubarira, ati N’ubabuze, mugenzi!
Yosuwa aririkisha inkota abantu bose b’Abamaleki.
Ayo ni yo mazina y’abantu Mose yatumye gutata ico gihugu; kandi yita Hoseya mwene Nuni, Yosuwa.
Kand’ uze witwaze iyo nkoni, ni yo uzokoresha vya bimenyetso.
Maz’ Uhoraho abarira Yosuwa, ati Tunga i Hayi iryo cumu witwaje, kuko ngira ndahagabure mu maboko yawe. Nuko Yosuwa atunga icumu yitwaje kur’ ico gisagara.
uwa Elishama ni Nuni, uwa Nuni ni Yosuwa.
Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.
Uhoraho akīgānīrira na Mose imbonankubone, nk’uk’ umuntu agānīra na mugenzi we. Maze Mose agasubira aho bashagaje; arik’ umufasha wiwe, Yosuwa mwene Nuni, w’umusore, ntiyava kur’ iryo hema.
Mu muryango wa Efurayimu hatumwa Hoseya mwene Nuni.
Uhoraho yishura Mose, ati Jana Yosuwa mwene Nuni, umuntu arimwo Mpwemu, umurambikekw ibiganza;
Nuko Yosuwa arahaguruka, bo n’ingabo zose, ngo baje gutera i Hayi: maz’ atoranya abantu ibihumbi mirongwitatu b’abahizi, abarungika mw ijoro.