4 Maze Mose atakambira Uhoraho, ati Mbeg’ aba bantu ndabagire nte? ko bashigaje gatoya bakantera amabuye.
Maze Dawidi agira intuntu nyinshi, kukw abantu bāvuga nk’abagomba kumutera amabuye; bose bāri n’akabonge kubg’ abana babo b’abahungu n’abakobga; ariko Dawidi arīremēsha, yisunze Uhoraho Imana yiwe.
Ishengero ryose riraheza rivuga ko babicisha amabuye; maz’ ubgiza bg’Uhoraho bubonekera Abisirayeli bose buri mw ihema ry’ibonaniro.
Maze haza Abayuda bavuye muri Antiyokiya no muri Ikoniyo; bamaze kwosha ishengero, batera Paulo amabuye, bamukwegera inyuma y’igisagara, bagira ngo yāpfuye.
Bun’ Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.
Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.
Mbeg’ intoke zanje si zo zaremye ivyo vyose?
Kora akoraniriza ishengero ryose ku muryango w’iryo hema kubarwanya. Maz’ ubgiza bg’ Uhoraho bubonekera iryo shengero ryose.
Mose abaza Uhoraho, ati N’iki gituma ungirira nabi, jewe umusavyi wawe? n’iki gitumye ntagirirwa akagongwe imbere yawe, ukandemēka umutwaro w’aba bantu bose?
Na we atakambira Uhoraho: Uhoraho amwereka igiti, agiterera mur’ ayo mazi, aca ahinduka meza. Aho ni ho Uhoraho yabashingiye icagezwe n’ibgirizwa, kand’ aho ni ho yabageragereje.
Uhoraho abaza Mose, ati N’iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende.
Mose na Aroni bo mu baherezi biwe, Na Samweli wo mu bambaza izina ryiwe, Bārambaza Uhoraho, akabishura.