3 Abantu bahicirwa n’inyota, bidodombera Mose, bati Wadukūriye iki muri Egiputa kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?
Ubaha umutsima uvuye mw ijuru wo kubamara inzara, ubaha n’amazi adudubiza mu gitandara yo kubamara inyota, ubagera kuja kwinjira igihugu warahiye k’uzokibaha.
Wabahaye Mpwemu wawe mwiza wo kubaha ubgenge, ntiwabimye manu yawe yo kurya, ubaha n’amazi yo kubamara inyota.
Bishwe n’inzara n’inyota, Imitima yabo igwa isari.
Kandi n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga rijana na bo, n’imikuku n’amasho vy’ibitayega.
Babaza Mose, bati Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa? N’iki catumye utugirira urtyo, kudukūra muri Egiputa?
Maz’ abantu bidodombera Mose, bati Turanywa iki?
kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;
Kandi mwazaniye iki ishengero ry’ Uhoraho mur’ ubu bugaragwa, ngo tubugwemwo, twe n’ivyo dushoreye?