2 Maz’ abantu batonganya Mose, bati Duhe amazi, tunywe. Mose arababaza, ati Muntonganiriza iki? N’iki kibateye kugerageza Uhoraho?
Ariko bibagira n’ingoga ibikorwa yakoze, Ntibarorēra kw ishitsa imigabo yayo.
Ariko bifuriza cane mu bugaragwa, Bageragereza Imana mu karēre.
Bagerageresha Imana imitima yabo, Bayigerageresha kwaka ivyo kurya vyo kubamara ipfa.
Bakihindukiranya, bakagerageza Imana, Bakaratsa Iyera y’Abisirayeli.
Yamar’ Abisirayeli bagerageza Imana isumba vyose, barayigarariza, Ntibitondera ivyo yashingiye intahe.
Ntimukomantaze imitima yanyu, nk’uko mwayikomantarije i Meriba, No kuri wa musi w’i Masa mu bugaragwa,
Hamwe ba sogokuruza banyu bāngerageza, Bakancaca, bakabona igikorwa canje.
Maz’ abantu bidodombera Mose, bati Turanywa iki?
Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.
Yita aho hantu Masa na Meriba kukw Abisirayeli bamutonganije, kandi kuko bagerageje Uhoraho, bakabaza ngo Mbeg’ Uhoraho ari muri twebge, canke ntari muri twebge?
barababarira, bat’ Uhoraho n’arābe ico mudukoreye, abahane, kuko mutumye Farawo n’abantu biwe batwanka urunuka, mukabaha inkota yo kutwica.
Ariko Ahazi arishura, ati Sinocaka, kandi sinogerageza Uhoraho.
Noneh’ abībone ni bo twita abanyehirwe, mber’ abakora ibibi bagirwa abakomeye; ushime bagerageza Imana bagakira.
Abisirayeli bose bidodombera Mose na Aroni, ikoraniro ryose rirababarira, rit’ Es’ iyo tuba twaraguye mu gihugu ca Egiputa! Canke tukagwa mur’ ubu bugaragwa!
kw abo bantu bose babonye icubahiro canje n’ibitangaza vyanje nakoreye muri Egiputa no mu bugaragwa, bakangerageza ibihetangabo cumi vyose, ntibanyumvire;
batonganya Imana na Mose, bati Mwadukūriye iki muri Egiputa, mukatuzana gupfira mur’ ubu bugaragwa? kw ata vyo kurya tuharonka, ata n’amazi ariho, kandi tubihiwe n’ibi vyo kurya bitagira ikimazi.
Yesu aramubgira, ati Vyongeye haranditswe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.
Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. Abagaburira itunga ryiwe.
Yesu aramwishura, ati Vyaravuzwe, ngo Ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.
None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge?
Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.
Kandi ntitukagerageze Umwami wacu, nk’uko bamwe bo muri ba bandi bāmugerageje, bakamarwa n’inzoka.
Ntimukagerageze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko mwamugeragereje i Masa.
Kandi n’i Tabera, n’i Masa, n’i Kiburoti‐hatava, mwaharakirije Uhoraho.
Aho ba sogokuruza banyu bangeragereje bancaca, Bakabona ibikorwa vyanje imyaka mirongwine.
Arikw iryo jambo ribabaza Samweli, ko bavuze ngo n’abahe umwami wo kubacīra imanza; araheza asenga Uhoraho.