Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 barababarira, bat’ Uhoraho iy’ apfuma atwicira mu gihugu ca Egiputa, tucīteretse inkono z’inyama, tukirya ivyo kurya tugahāga; none mwadukūyeyo mutuzana mur’ ubu bugaragwa kugira ngw iri shengero ryose mutwicishe inzara.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 16:3
32 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwami avyumvise, inkonko irakoroka, yūrira mu cumba cubatswe hejuru kw irembo, arira; akirikw aragenda aravuga, ati Yō! Mwananje Abusalomu! Es’ umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!


Hanyuma y’ivyo Yobu yanzika kuvuga, avuma umusi wo kuvuka kwiwe.


Kuko ritūgaye inda ya mama, Ngo rihishe amaso yanje umubabaro.


N’iki gituma umunyamubabaro ahabga kubona umuco, N’ūfise akabonge mu mutima agahabga ubugingo?


Bishwe n’inzara n’inyota, Imitima yabo igwa isari.


Bacurika Imana, Bati Mbeg’ Imana ishobora gutunganiriza ameza mu bugaragwa?


Bose barya umutsima w’ abahambaye, Ibarungikira ivyo kurya vyo kubahāza rwose.


Babaza Mose, bati Mbega nta mva zari muri Egiputa, mu kutuzana gupfira mu bugaragwa? N’iki catumye utugirira urtyo, kudukūra muri Egiputa?


Abantu bahicirwa n’inyota, bidodombera Mose, bati Wadukūriye iki muri Egiputa kutwicisha inyota, twe n’abana bacu n’ibitungwa vyacu?


Hashize igihe kirekire, umwami wa Egiputa aratanga: Abisirayeli banihishwa no kuba mu buja, barataka; ugutaka batakishwa n’ubgo buja kuradūga, gushika ku Mana.


barababarira, bat’ Uhoraho n’arābe ico mudukoreye, abahane, kuko mutumye Farawo n’abantu biwe batwanka urunuka, mukabaha inkota yo kutwica.


Ko batārushe bībaza, bat’ Uhoraho ari hehe, yadukūye mu gihugu ca Egiputa, akaturōngōra mu bugaragwa, no mu gihugu c’ubgeranyange kirimw’ ivyobo, mu gihugu kigadutse c’igitūtu c’urupfu, mu gihugu kidacamw’ abantu, ata muntu n’umwe ahaba?


mukavuga, mut’ Oya, ariko tugomba kuja mu gihugu ca Egiputa, aho tutazobona intambara, canke ngo twumve ijwi ry’inzamba, canke ngo tubure indya; abe ari ho tuba:


Ariko ntituzobura gushitsa ijambo ryose rivuye mu kanwa kacu, ngo twosereze imibavu umwamikazi wo mw ijuru, tumusukire n’ibiturire, nk’uko twahora dukora, twe na ba sogokuruza n’abami bacu n’abaganwa bacu, mu bisagara vy’i Buyuda no mu nzira z’i Yerusalemu: kukw ico gihe twagira indya nyinshi, tukibera amahoro, nta vyago twabona.


Abicwa n’inkota ni bo bapfa rwiza kuruta abicwa n’ inzara; Kukw abo bo bagenda bashirira hejuru, bakicwa no kubura utwo bokweza mu mirima.


Hāk’ ungenza urtyo, enda n’upfume unyica, namba ngiriwe akagongwe imbere yawe, kugira ngo noye gupfa nibonye.


ut’ Ariko muzozirya ukwezi kwiramvuriye, gushitsa aho zizosigara zibaduhiye, zikabasesema; uti Kuko mumwanse, Uhoraho ari muri mwebge, uti Mukaririra imbere yiwe, muti Twaviriye iki muri Egiputa?


Abisirayeli bose bidodombera Mose na Aroni, ikoraniro ryose rirababarira, rit’ Es’ iyo tuba twaraguye mu gihugu ca Egiputa! Canke tukagwa mur’ ubu bugaragwa!


Mbeg’ Uhoraho atujanira iki mur’ ico gihugu, kwicirwayo n’ inkota? Abagore bacu n’ibibondo vyacu bakazoba abanyagano: non’ iciza s’uko twosubira muri Egiputa?


mbega yabigize ivyoroshe kudukūra mu gihugu gitemba amata n’ubūki, ngw adutsinde mu bugaragwa, kand’ akagerekakw akīgira umutware wacu?


Bukeye bgaho, ishengero ryose ry’Abisirayeli ryidodombera Mose na Aroni, riti Ni mwebge mwishe abantu b’Uhoraho.


batonganya Imana na Mose, bati Mwadukūriye iki muri Egiputa, mukatuzana gupfira mur’ ubu bugaragwa? kw ata vyo kurya tuharonka, ata n’amazi ariho, kandi tubihiwe n’ibi vyo kurya bitagira ikimazi.


Paulo, ati Ndasaba Imana ari bike ari vyinshi, yukw atoba wewe wenyene, ariko n’abanyumva uyu musi mwese, ko vyobahindura nkanje, ukūye iyi minyororo.


Mumaze guhāga; mumaze gutunga; mwimye nk’abami, tutarimwo: ereg’ icompa mukaba mwārīmye, kugira ngo natwe twimane namwe.


Icompa mukanyihanganira ku bupfu buciyemwo, kandi n’ubgo muranyihanganira.


Buzoca, mugire mut’ Iyo bgira! Buzokwira, mugire mut’ Iyo buca! mubitewe n’ubgoba buri mu mitima yanyu bgayiranduye, n’ivyo amaso yanyu azohora abona.


Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.


Yosuwa aravuga, ati Yoo! Ewe Mwami Uhoraho! N’ iki catumye ujabutsa aba bantu Yorodani, kugira ng’ utugabure mu maboko y’Abamori ngo batugeseze? Ereg’ iyo tuba twapfumye tuguma hakurya ya Yorodani!


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ