Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 15:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uhoraho n’intōre mu ntambara, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 15:3
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uwo Mwami w’ubgiza ni nde? N’Uhoraho afise inkomezi n’ ubutōre, N’Uhoraho afise ubutōre mu ntambara.


Wa muhizi we, ambara inkota yawe kw itako, Ambara ubgiza bgawe n’icubahiro cawe.


Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa uhoraho, Kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.


Uhoraho ni we agira ngw abarwanire, namwe ni mwinumire gusa.


Atuma amagurudumu y’ imikogote yabo afata, ntiyaba igikwegeka neza. Maz’ Abanyegiputa baravugana, bat’ Enda duhunge, tureke Abisirayeli, kuk’ Uhoraho abatabara, ari we aturwanya.


Mose abaza Imana, ati Ni nashika ku Bisirayeli, nkababarira nt’ Imana ya ba sogokuruza yabantumyeko; bakambaza, bati Yitwa nde? nzobishura iki?


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Jewe nd’Uhoraho, iryo ni ryo zina ryanje; icubahiro canje sinzogiha uwundi, n’ishimwe ryanje sinzoriha ibigirwamana vy’ibibāzano.


rit’ Uhoraho abikora, Uhoraho abirema akabikomeza, Uhoraho ni ryo zina ryiwe, uku ni kw agize,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ