Kuvayo 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)3 Mose abarira abantu, ati Muze mwame mwibuka uyu musi muviriye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja; kuk’ Uhoraho abakūje ino ubushobozi bginshi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe murya. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ uwo muvugishwa cank’ uwo murōsi baze bamwice, kukw azoba avuze ibibatera kugarariza Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo kubakūra mu nzira Uhoraho Imana yanyu yabarangiye ngo muyicemwo, kand’ ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ ubuja. Uko az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.
Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;