Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 13:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mose abarira abantu, ati Muze mwame mwibuka uyu musi muviriye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja; kuk’ Uhoraho abakūje ino ubushobozi bginshi. Ntihaze hagire imitsima yambiwe murya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 13:3
58 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.


(kuko batazobura kwumva ivy’ izina ryawe rihambaye, n’ivy’ ububasha bgawe bukomeye, n’ ivy’ ubushobozi bgawe); nuko ni yaza agasenga atumbereye iyi ngoro,


Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze; Ibitangaza vyiwe n’amateka yo mu kanwa kiwe;


None rero, abo ni bo basavyi bawe, kandi n’abantu bawe wacunguje ububasha bgawe bginshi bo n’ukuboko kwawe kw’ inkomezi.


werekanye ibimenyetso n’ibitangaza kuri Farawo no ku basavyi biwe no ku bantu bose bo mu gihugu ciwe, kuko war’ uzi ko bāgenda babīhayagizako. Uko ni ko wironkeye izina rya rurangiranwa, ari ryo ugifise na bugingo n’ubu.


Mwibuke ibikorwa vyiwe bitangaje yakoze, Ibitangaza vyiwe n’amateka yo mu kanwa kiwe,


Hamwe Abisirayeli bāva muri Egiputa, Hamwe ab’ inzu ya Yakobo bāva mu bantu b’ururimi rudebagura;


Igakūra Abisirayeli hagati yabo, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira;


Ibakūjey’ ikiganza gikomeye n’ukuboko kurāmvuye: Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Ukugororoka n’imanza zibereye ni vyo ingoma yawe ihagazeko: Imbabazi n’ukuri ni vyo bikwitangira imbere.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.


Uwo musi w’imitsima itambiwe muze mwame muwugira mukuru, kuko kur’ uwo musi nyene ari ho nzoba narabakūriye mu gihugu ca Egiputa mur’ amasinzi y’ingabo: ni co gituma uwo musi mukwiye kwama muwugira mukuru ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kibe icagezwe c’intahava.


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi ntihaze haboneke umwambiro mu mazu yanyu: umuntu azorya icambiwe, aracibga mw ikoraniro ry’Abisirayeli, naho yoba umunyamahanga cank’ uw’ imvukira yo mu gihugu canyu.


at’ Uku kwezi kuzobabera imfura y’amezi: kuzobabera ukwezi kwa mbere mu mwaka.


Iyo myaka ukw ar’ amajana ane na mirongwitatu ishize, kur’ uwo musi nyene, amasinzi yose y’ ingabo z’Uhoraho ava mu gihugu ca Egiputa.


Iryo joro n’iryo kurārako maso, kwibuka uk’ Uhoraho yabakūye mu gihugu ca Egiputa: iryo ni rya joro ry’ Uhoraho, Abisirayeli bose bakwiye kwama barirārako maso, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Barye inyama zawo mur’ iryo joro nyene, zitaze, bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura.


Kandi mu bana banyu ni hagira ūbaza se, mu gihe kizoza, at’ Ibi n’ibiki? az’ amwishure, at’ Uhoraho yadukūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja, adukūjeyo ubushobozi bginshi.


Ivyo bize bibabere nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, n’icibutso gishizwe hagati y’amaso yanyu, kugira ngw ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu: kuk’ Uhoraho yabakūje muri Egiputa ubushobozi bgiwe.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.


Nuko nzobangura ukuboko kwanje, nkubitishe Egiputa ibitangaza vyanje vyose, ivyo nzokorera hagati muri ho: hanyuma y’ivyo azobarekura.


Muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kuk’ ukwezi Abibu ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa.


Uhoraho abarira Mose, at’ Uhereye none uzorāba ivyo nzogirira Farawo: ukuboko kw’ ubushobozi kuzomugondōza, abarekure, mber’ ukuboko kw’ubushobozi kuzomugondōza, abirukane mu gihugu ciwe.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Yamara Farawo ntazobumvira; maze nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, nkūrey’ ingabo zanje, ni bo bantu banje b’Abisirayeli, mbakūze mur’ ico gihugu ca Egiputa ibihano bikomeye.


rit’ Uku ni k’ Uhoraho agize, ni we Mana y’ Abisirayeli, ati Nasezeranye isezerano na ba sogokuruza, umusi nabakūra mu gihugu ca Egiputa, no mu nzu y’ubuja,


Kandi ga Bgirukiro Mana yacu, wewe wakūje abantu bawe mu gihugu ca Egiputa ukuboko gukomeye, ukīgira rurangiranwa nk’ uko bikimeze n’uyu musi; tweho twaracumuye, twakoze nabi.


Yābīra umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababgira, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe: murakore murtya kugira ngo kibe icibutso canje.


akawushimira Imana, akawumanyagura, akavuga, at’ Uyu n’umubiri wanje ubatangiwe, murahora mugira murtya kugira ngo kibe icibutso canje.


Nuko tuziririze imisi mikuru, tudafise umwambiro wa kera, cank’ umwambiro w’urwanko n’ikibi, ariko tugire imitsima itambiwe y’imitima ikeye n’ukuri.


mumenye n’ubginshi buhebuje bg’ubushobozi bgayo ikoreshereza muri twebge abizera, nk’uko kwa gukora kw’ububasha bg’ubushobozi bgayo kungana,


Mu kumwica, uz’ umwicishe amabuye, kuko yagerageje kugukwegakwega ng’ uve k’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Abisirayeli bose bazovyumva, batinye, boye kwongera gukorera ikibi kingana girtyo hagati muri mwebge.


Kand’ uwo muvugishwa cank’ uwo murōsi baze bamwice, kukw azoba avuze ibibatera kugarariza Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo kubakūra mu nzira Uhoraho Imana yanyu yabarangiye ngo muyicemwo, kand’ ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ ubuja. Uko az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.


Ukwezi kwa Abibu muze mwame mukugira gukuru, mwitondere ivya Pasika y’Uhoraho Imana yanyu; kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Uhoraho Imana yanyu yahenze mw ijoro akabakūra muri Egiputa.


Kandi muze mwibuke yuko mwari mu buja muri Egiputa, mwitondere ayo mabgirizwa, muyashitse.


Ntimuze mugire imitsima yambiwe mubikoza; muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe yavyo, ari yo mitsima y’ amagorwa, kuko mwavuye mu gihugu ca Egiputa ikibiriraho; kugira ngw imisi yose muzoba mukiriho, muze mwame mwibuka wa musi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa.


ariko muze mwibuke yuko mwari mu buja muri Egiputa, Uhoraho Imana yanyu akahabagobōtora: ni co gitumye mbabuza kuzogenza murtyo.


Kandi muze mwibuke yuko mwari mu buja mu gihugu ca Egiputa: ni co gitumye mbagera kuzogenza murtyo.


Ati Maz’ Uhoraho adukūra muri Egiputa, adukūzayo ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, n’ibimenyetso n’ibitangaza.


Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?


Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, jewe Uhoraho Imana yawe nagukūjey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye; ni co catumye jewe Uhoraho mbikugera kuziririza umusi w’isabato.


ati Nd’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


muze muheze mwirinde, ntimwibagire Uhoraho, yabakūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


aze yishure uwo mwana, ati Twari muri Egiputa tur’ abaja ba Farawo, maz’ Uhoraho adukūzay’ ukuboko kw’ inkomezi kandi kubanguye,


Ariko n’uk’ Uhoraho abakunda, akagomba gushitsa indahiro yarahiye ba sogokuruza banyu; ni co catumye Uhoraho abakūzay’ ububasha bgiwe bginshi, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ubuja, no mu maboko ya Farawo umwami wa Egiputa.


maze muze mwirinde, imitima yanyu yoye kwishira hejuru, ngo mwibagire Uhoraho Imana yanyu yabakūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja,


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uve hano, umanuke vuba, kuko ba bantu bawe wakūye muri Egiputa bamaze kwononekara; inzira nabageze bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo bakivugutiye mu nkero.


Kuk’ Uhoraho Imana yacu ari we yadukūye mu gihugu ca Egiputa, twe na ba sogokuruza, akadukūra mu nzu y’ubuja, kand’ agakorera vya bimenyetso bihambaye mu maso yacu, akatuzigama mu nzira yose twazananye, no mu mahanga yose twaciyemwo.


bava k’Uhoraho Imana ya ba sekuruza yabakūye mu gihugu ca Egiputa, bakurikira izindi mana zo mu mana z’abanyamahanga babakikije, bakazūnamira, bakaratsa Uhoraho.


Uhoraho abatumak’ ūvugishwa na we, arababarira, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ngo Yabadūganye abakūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ