Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 12:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Ni mubarire ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ku musi ugira icumi w’ uku kwezi, umuntu wese yiyabīrire umwagazi w’intama, ukw amazu ya ba se angana, umwagazi umwe‐umwe mu nzu yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 12:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu aramwishura, at’ Erega mwananje, Imana ni yo iribgironkere umwagazi w’ikimazi co kwoswa. Nuko bompi barajana.


Abeli na we azana ku ntungwa z’uburiza zo mu mukuku wiwe, no ku binure vyazo. Uhoraho yākīrira Abeli ishikanwa ryiwe,


Maze Yosiya aha abantu bose bari ngaho imyagazi y’intama n’iy’ impene yo mu mikuku, yo kuba ibimazi vya Pasika; igitigiri c’iyo myagazi car’ ibihumbi mirongwitatu; abaha n’amapfizi ibihumbi bitatu; ivyo vyose ni vyo umwami yatanze kw itunga ryiwe.


at’ Uku kwezi kuzobabera imfura y’amezi: kuzobabera ukwezi kwa mbere mu mwaka.


Nuko Mose ahamagaza abakuru bose bo mu Bisirayeli, arababarira, ati Ni mwirobanurire imyagazi, ukw amazu yanyu angana, muyibāgire Pasika.


Kand’ iyo nzu ni yaba irimw’ inkehwa, batomara uwo mwagazi, uwo muntu afatanye n’umubanyi wiwe bahereranye, bawusangire, ukw igitigiri c’abantu kiri; ukw igisa c’umuntu wese kiri, abe ari ko muzoharūra igitigiri c’abakwiye kuwusangira.


Muze muwurorereze umusi ugira icumi na kane w’uku kwezi nyene; ikoraniro ryose ry’Abisirayeli baze bakerere imyagazi yabo ku mugoroba.


Uhoraho abaza Mose, ati N’iki gitumye untakira? Barira Abisirayeli bakomeze bagende.


Babgira Mose, bati Ba ari wewe utubarira, ni ho twovyumva: arikw Imana yoye kuba ari yo itwibaririra, ntiduhave dupfa.


Aroni ababarira amajambo yose Uhoraho yatumye Mose, akorera vya bimenyetso imbere y’abantu.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


Mu mwaka ugira mirongwibiri na gatanu uhereye aho twambukaniwe tur’ inyagano, kw itanguriro ry’umwaka, ku musi w’ icumi w’ukwezi, hashize imyaka cumi n’ine igisagara gitsinzwe, kur’ uwo musi nyene, ukuboko kw’Uhoraho kwanjeko, maz’ anjanayo.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni haramuka hagize ūmuha ikimazi, muze mukūre ivyo bimazi mu vyo mutunze, ari mu masho canke mu mikuku.


anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’inyana y’intama canke y’impene, ayikūye mu mukuku, ngw ibe ikimazi gitangirwa ivyaha; umuherezi azoba amuhongeye ku caha ciwe.


Ukw abe ari ko bizokwama bigenda kw ishuri yose no ku mpfizi y’intama yose no kw isuguru yose y’umwagazi w’intama canke w’impene.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


yitegereza Yesu agendagenda, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana.


Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho Lazaro yaba, umwe Yesu yazuye mu bapfuye.


Bukeye bg’aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu mur’ iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo,


Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.


Nuko mu gitondo muze mukorane, umuryango umwe‐umwe ukwawo, maz’ umuryango nzokwerekana, jewe Uhoraho, uz’ ukorane, inzu imwe‐imwe ukwayo; maz’ inzu nzokwerekana, jewe Uhoraho, iz’ ikorane, nyen’ irembo umwe‐umwe ukwiwe; maz’ urugo nzokwerekana, jewe Uhoraho, baze bakorane, umugabo umwe‐umwe ukwiwe.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Nuko Samweli yābīra umwagazi w’intama uconka, awushikanira Uhoraho kw ikimazi co kwoswa kidasonōye; maze Samweli atakambira Uhoraho kubg’ Abisirayeli; Uhoraho aramwumvira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ