3 Ni mubarire ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, ku musi ugira icumi w’ uku kwezi, umuntu wese yiyabīrire umwagazi w’intama, ukw amazu ya ba se angana, umwagazi umwe‐umwe mu nzu yose.
Maze Yosiya aha abantu bose bari ngaho imyagazi y’intama n’iy’ impene yo mu mikuku, yo kuba ibimazi vya Pasika; igitigiri c’iyo myagazi car’ ibihumbi mirongwitatu; abaha n’amapfizi ibihumbi bitatu; ivyo vyose ni vyo umwami yatanze kw itunga ryiwe.
Nuko ni mukūreh’ umwambiro wa kera, kugira ngo mube irobe risha, nk’uko mutarimw’ umwambiro. Kuk’ umwagazi w’intama wa Pasika wacu watanzwe kw ikimazi, ari we Kristo.