9 Uhoraho abarira Mose, ati Farawo ntazobumvira; kand’ ivyo bizotuma ibitangaza vyanje bigwira mu gihugu ca Egiputa.
Uhoraho abarira Mose, ati Ja kwa Farawo; kuko nkomantaje umutima wiwe, n’iy’ abantu biwe, kugira ngo nerekanire ibi bimenyetso vyanje hagati muri bo,
Kandi ndazi yuk’ umwami wo muri Egiputa atazobakundira ko mugenda, shit’ ukuboko kw’inkomezi kumugondoje.
Uhoraho abarira Mose, ati Ni wasubira muri Egiputa, ntuz’ ubure gukorera imbere ya Farawo ibitangaza vyose nguhaye gukora: mugabo nzokomantaza umutima wiwe, ntazorekura abantu ngo bagende.