Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 11:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Mose aravuga, at’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Nko mu gicugu azonyuranganya hose muri Egiputa:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 11:4
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ni wumva imirindi y’ingabo ihindira hejuru kur’ iyo mibaka, uce uhaguruka vuba, kuko jewe Uhoraho nzoba nkwitangiye imbere gutera izo ngabo z’Abafilisitiya.


Bapfa mu kanya isase, no mu gicugu n’uko, Bafatwa n’agatengo bakagenda akagīrīre, N’abahizi bakūrwaho, ata wubakozeko.


Si wewe uzonshikanayo ga Mana yadutaye? Si wewe uzonshikanayo ga Mana itajana n’ingabo zacu?


Yagishinze mu ba Yosefu kuba igishingantahe, Aho yisidukira, ikūriye hasi igihugu ca Egiputa: Ni ho numvitiye ijwi ry’Uwo ntari nzi.


Kuko mur’ iryo joro nyene nzoca mu gihugu ca Egiputa, nkica abana bose b’ imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku muntu no ku gitunzwe; kand’ imana z’Abanyegiputa zose, amatēka nziciriyeko zose nzoyashitsa: nd’ Uhoraho.


Kuk’ Uhoraho azohaca, azanywe no kwica Abanyegiputa: kand’ ah’ azobona ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, Uhoraho azorengana iyo nzu, ntazokundira umuranduzi kwinjira mu nzu zanyu ngw abice.


Nuko mu gicugu Uhoraho yica abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa, uhereye ku mfura ya Farawo nyen’ ingoma, ukageza ku mfura y’imbohe ipfungiwe mw ibohero, n’ivy’ uburiza vyose vy’ibitunzwe.


Uhoraho azoja gutera nk’umuhizi, arwanane ishaka nk’intōre mu ntambara: azobīrahira, mber’ azobīvuga n’ijwi rirenga; abansi biwe azobagirira ibikomeye.


Nabateje ikīza nk’icateye muri Egiputa: imisore yanyu nayicishije inkota, nnyaga amafarasi yanyu; natumye umunuko ur’ aho mushagaje ubinjira mu mazuru: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’ Uhoraho agize.


No mu mirima yose y’imizabibu hazoba amaborogo: kuko nzoba nciye hagati muri mwebge, ni k’Uhoraho agize.


Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.


Mu gicugu humvikana urwamo, ngo Nguyu umukwe, ni musohoke mumusanganire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ