Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 11:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uhoraho aha ubgo bgoko kurābga neza n’Abanyegiputa. Bitayeko uwo mugabo Mose na we yar’ umuntu ahambaye mu gihugu ca Egiputa, mu maso y’abanyarugo ba Farawo, no mu maso y’abandi bantu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 11:3
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nanje nzoguhindura ubgoko bukomeye, nzoguha umugisha, izina ryawe ndarigire rurangiranwa; n’abandi baze bagire umugisha kubgawe.


Arik’ Uhoraho aba kumwe na Yosefu, amugirira neza, amuha gutona ku murinzi w’ibohero.


uti Kandi yagendana nawe aho waja hose, ut’ Arandura abansi bawe bose imbere yawe; uti Kand’ azoguha izina rya rurangiranwa, nk’ukw abandi bahambaye bo mw isi bayafise.


Moridekayi uwo yar’ agahambaye mu rugo rw’umwami, kandi yari rurangiranwa mu bihugu vyose: kuk’ uwo mugabo Moridekayi yarushiriza kuba agahambaye.


Agatuma batera akagongwe Abābajanye kw inyagano bose.


Abisirayeli bakora nk’uko Mose yavuze; basaba Abanyegiputa utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu n’imyambaro:


Uhoraho aha abo bantu kurābga neza n’Abanyegiputa, babaha ivyo babasavye: uko ni ko bīnyagiye Abanyegiputa.


Kandi nzotuma ubu bgoko bugirira amahirwe ku Banyegiputa: ni mwagenda, ntimuzogenda iminwe misa;


abahungu b’abāguhahaza bazoza bakubite inkoro hasi imbere yawe, n’abāgukēngēra bīkubite imbere y’ibirenge vyawe, bakwite Umurwa w’Uhoraho, Siyoni h’Uwera w’Abisirayeli.


Mose yigishwa ubgenge bgose bg’Abanyegiputa, agira ubushobozi mu majambo yiwe no mu bikorwa vyiwe.


Kandi mu Bisirayeli ntihigeze kuboncka ūvugishwa n’Imana ahwanye na Mose, uwo Uhoraho yibonanira na we imbonankubone.


Nta wogereranywa na we kubg’ ibimenyetso n’ibitangaza vyose Uhoraho yamutumye gukorera mu gihugu ca Egiputa, ngw abigirire Farawo n’abamenyekana biwe bose n’igihugu ciwe cose;


Kur’ uwo musi Uhoraho akuza Yosuwa imbere y’Abisirayeli bose, baramwubaha imisi yose yamaze akiriho, nk’uko bubaha Mose.


Ehe nguhaye bamwe bo mw isinagogi ya Satani, biyita Abayuda, atari bo, ariko babesha; ehe nzobagōbēra kuza, bikubite imbere y’ibirenge vyawe, bamenye yuko nagukunze.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ