Kandi ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako, kandi muze mumare imisi ndwi muri mu misi mikuru yo kunyubaha, jewe Uhoraho.
Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.