Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 10:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Mose aramwishura, ati Tuzojana n’abana n’abatāma, n’abahungu bacu n’ abakobga, mbere n’imikuku yacu n’amasho tuzobijana: kuko dukwiye kugirira Uhoraho umusi mukuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 10:9
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bo n’abo kwa Yosefu bose, na bene se, n’abo kwa se: ivyo basize gusa mu gihugu c’i Gosheni n’abana babo bato, n’ imikuku yabo, n’amasho yabo.


Arabishura, ati Yemwe ga ye, Uhoraho abane namwe nkabarekura, ngo mujane n’abana banyu! Ni mwiyubare, kukw ivyo mugabiye ari bibi!


Itunga ryacu rikwiye kujana natwe: ntihazosigara n’ urwara; kukw ari ryo dukwiye kuzokwābirakw ivyo guhēreza Uhoraho Imana yacu. Kandi ntituzi ivyo tuzohēreza Uhoraho uko bingana tutarashikayo.


Mujane n’ imikuku yanyu n’amasho yanyu, nk’uko mwavuze, mwīgīre; nanje munsabire umugisha.


Abisirayeli baragenda, bava i Ramesesi, bataha i Sukoti: abāgiye n’amaguru bār’ abagabo ibihumbi amajana atandatu, ukūyemw’ abana.


Kandi n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga rijana na bo, n’imikuku n’amasho vy’ibitayega.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, maz’ umusi ugira indwi uz’ ube umusi mukuru w’Uhoraho.


Na bo bazokwumvira: kand’ uz’ ugende ku mwami wa Egiputa, mwe n’ abashingantahe b’Abisirayeli, mumubarire, mut’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, yaratwiyeretse: none turakwinginze, turekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi.


Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa.


Baramubgira, bat’ Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse: none turasavye, uturekure tuje mu bugaragwa, tugende urugendo rw’ imisi itatu, kugira ngo tuze dushikanire Uhoraho Imana yacu ibimazi, yoye kuzohava idutērēra ikīza cank’ inkota.


Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe, Bo n’umushuzo w’ivyeze vyawe vyose.


Kandi wame wibuka Umuremyi wawe mu misi y’ubusore bgawe, imisi mibi itaraza, igihe kitarashika, ah’ uzovuga, uti Nta kikinnezereza;


Kandi ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako, kandi muze mumare imisi ndwi muri mu misi mikuru yo kunyubaha, jewe Uhoraho.


Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.


Kandi namba mubona bibabangamiye gusaba Uhoraho, uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, namb’ ari za mana ba sogokuruza bāsaba hakurya ya rwa ruzi, cank’ imana z’Abamori ben’ iki gihugu murimwo; ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ