Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 10:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mose na Aroni baja kwa Farawo, baramubgira, bat’ Uku ni k’ Uhoraho, Imana y’Abaheburayo, agize, ng’ Uzogeza ryari kwanka kwicisha bugufi imbere yiwe? Ngo Reka abantu biwe, bagende bamusabe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 10:3
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Eliya yēgēra abantu bose, arababarira, ati Muzogeza ryari kuba ba nyamujiryanino? Asangw’ Uhoraho ari we Mana, ni mumukurikire; na ho nyene ni yaba Bayali, abe ari yo mukurikira. Abantu ntibamwishura ijambo na rimwe.


riti Mbeg’ urabonye ingene Ahabu yicishije bugufi imbere yanje? Ko yicishije bugufi artyo imbere yanje, sinzozana ivyo vyago ku ngoma yiwe, ariko ku ngoma y’ umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Maz’ abonye kw ashitse mu magorwa, yinginga Uhoraho Imana yiwe, yicisha bugufi ashika hasi imbere y’Imana ya ba sekuruza.


Kandi n’ivy’ isengesho ryiwe, n’ ingene yemerewe, n’ivy’ ivyaha vyiwe vyose n’ugucumura kwiwe, n’ivy’ ahantu hose yatavye ibitabo, akahashinga inkingi za Ashera n’ibishushanyo bibājwe, ataricisha bugufi, ivyo vyanditswe mu majambo ya Hozayi.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, ari yo Mana, igihe wumva amajambo yavuze ku vy’ aha hantu bo n’ abahaba, ng’ Ukicisha bugufi imbere yiwe, ukītantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


maz’ abantu banje bītirirwa izina ryanje ni bicisha bugufi bagasenga barondera mu nyonga hanje, bagahindukira bakareka ingeso zabo mbi, nuko nanje nzokwumva ndi mw ijuru, mparire ivyaha vyabo, nkize n’ igihugu cabo.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Ngo Na ho ni wanka kubarekura, ejo ngw azorekura inzige, zihēre ku rubibe rwawe,


Uhoraho abaza Mose, ati Muzogeza hehe kwanka kwitondera ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje?


kandi yarakubariye, ngo Rekura umwana wiwe agende, aje kumusaba; ariko wanse kumurekura; uti Nuko rero na we azokwica umwana wawe w’imfura.


Hanyuma y’ivyo, Mose na Aroni baragenda babarira Farawo, bat’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, igize ngo Rekura abantu bayo, bagende, bayigirire imisi mikuru mu bugaragwa.


Uti Mbega n’ubu uracatangīra abantu biwe, ukanka kubarekura?


Ati Yemwe bijuju, muzogeza ryari gukunda ubujuju? N’abacokoranyi guhimbarwa no gucokora? N’ibipfu kugirira urwanko ubgenge?


Ko nabahamagaye, namwe mukanka; Nkabākura, ntihagire ūbibabara;


Uwishira hejuru mu mutima, agatikizo azogasanga imbere, Kand’ ukwicisha bugufi kuzosanga imbere icubahiro.


Mbega n’ubu muracadaramīra ngo mukubitwe, ko mwiyongeranya kugarariza? Umutwe wose urarwaye, umutima wose uradendebukiwe.


Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, Uhoraho wenyene ni we azoba ashizwe hejuru kur’ uwo musi.


Aba bantu b’abanyakibi, uko bākanse kwumva amajambo yanje, bakagendera mu budadarare bg’imitima yabo, bagakurikira izindi mana ngw abe ari zo basaba, bazisenge, bazomera nk’uyu mukanda utakigira ico umaze.


Barira umwami n’umugabekazi, uti Ni mwicishe bugufi, mwicare hasi, kukw ibitsibo vyanyu bishajije mwambaye mu mutwe biriko birakoroka.


Ni muhamagare abarashi bakoranire kurwanya Babuloni, abazi gufora imiheto bose; musagaze hirya no hino yaho; ntihagire uwaho acika: muhīhōre ibikwiranye n’ibikorwa vyaho, muhasubirize mu nkōko ibikwiranye n’ivyo hākoze; kuko hinantaje k’Uhoraho, k’Uwera w’ Abisirayeli.


Ariko hāgararije amabgirizwa yanje, hakora ibibi kurusha abanyamahanga; hāgararije ivyagezwe vyanje kurusha ibihugu bihakikije; bāshibuye amabgirizwa yanje, n’ ivyagezwe vyanje ntibābigenderamwo.


Ariko nawe, Belushaza, umwana wiwe, ntiwicishije bugufi mu mutima wawe, naho war’ uzi ivyo vyose;


ati Nzogeza hehe kwihanganira iri shengero rimeze nabi, rihora riranyidodombera? Numvise imyidodombo y’Abisirayeli banyidodombera.


Cank’ ukēngēra itunga ryo kugira neza kwayo n’iry’ imbabazi zayo n’iry’ ukwihangana kwayo? Ntuzi yuko kugira neza kw’Imana kugushikana ku kwihana?


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


Mwicishe bugufi imbere y’Umwami Imana, na yo izobashira hejuru.


Nuko mwicishe bugufi muri musi y’ukuboko kw’Imana kw’ubushobozi, kugira ngw iz’ ibashire hejuru mu gihe gikwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ