Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Kuvayo 10:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 no kugira ngo nawe uz’ udondere umwana wawe n’umwuzukuru wawe ukuntu namāramāje Abanyegiputa, n’ibimenyetso vyanje nakoreye hagati muri bo; mumenye yuko nd’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Kuvayo 10:2
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni co gituma ur’ ūhambaye, Uhoraho Mana, kukw ata wuhwanye nawe, kand’ ata yindi Mana iriho twigeze kwumva atari wewe.


Mana, twariyumviye n’amatwi yacu, ba sogokuruza bacu batubariye Ibikorwa wakoze mu gihe cabo, mu gihe ca kera.


Wasohoje amahanga ukuboko kwawe, ariko bo urahabagerēra; Wateye amoko amarushwa, uca ugasāza bano.


Bizotuma abantu bavuga, bati N’ukuri har’ impēra y’ abagororotsi: N’ukuri harih’ Imana icira imanza mw isi.


Mana, ntumpebe, kugeza no mu butāma bganje mmeze imvi; Ntarabarira ab’ igihe kizoza amaboko yawe, Ntarabarira abazovuka bose inkomezi zawe.


Ivyo twumvise tukamenya, Ivyo ba sogokuruza bātubariye,


Kandi mu bana banyu ni hagira ūbaza se, mu gihe kizoza, at’ Ibi n’ibiki? az’ amwishure, at’ Uhoraho yadukūye muri Egiputa, mu nzu y’ubuja, adukūjeyo ubushobozi bginshi.


Abanyegiputa ni ho bazomenya yuko nd’ Uhoraho, ni namara kwihesha icubahiro kuri Farawo no ku mikogote yiwe, no ku bagendera ku mafarasi biwe.


Maz’ umutima wa Farawo ngira ndawukomantaze, abakurikire; nanje nzokwiheshereza icubahiro kuri Farawo no ku ngabo ziwe zose, kand’ Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho. Nukw Abisirayeli babigenza bartyo.


Ut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngw Iki ni co kizokumenyesha yukw ar’ Uhoraho: ut’ Ehe ngira nkubitishe inkoni nitwaje amazi y’ uruzi, ahinduke amaraso:


Igihe nzobangurira ukuboko kwanje kuri Egiputa, ngakūra Abisirayeli muri bo, Abanyegiputa bazomenya ko nd’ Uhoraho.


Aroni aramvura ukuboko kwiwe hejuru y’amazi ya Egiputa; ibikere biradūga, bizimanganya igihugu ca Egiputa.


Umuntu muzima, umuntu muzima ni we azoguhimbaza, nk’uko ndiko ndaguhimbaza uyu musi. Umuvyeyi azomenyesha abana biwe ingen’ ur’ uwo kwizigirwa.


kandi mbahumanisha amashikanwa yabo ubgabo, kuko bātanze imfura zabo zose kw ibimazi ngo zoswe mu muriro, kugira ngo ndabajonjogoze, baruhe bamenye yuko jewe nd’ Uhoraho.


kuko, mmaze kubashitsa mu gihugu, ico narahiye mmanitse ukuboko ko nzobaha, uko babonye umusozi wose muremure n’igiti cose gitotahaye, baciye bahatangira ibimazi vyabo, baba ari ho bashikanira ishikanwa ryabo ryo kundatsa; ni ho batangiye ibizana imibabge imota neza, bakahasukira amashikanwa yabo y’ibiturire.


Mubidondere abana banyu, na bo baze babidondere abana babo, abana babo na bo baze babidondere abuzukuruza.


Namwe ba se, ntimukaratse abana banyu, ariko mubarere, mubahana mubahanūra, uk’ Umwami wacu agomba.


Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ