9 Maz’ abarira abantu biwe, ati Rāba Abisirayeli bahindutse ihanga rituruta mu bginshi riturusha n’inkomezi.
Maze Abimeleki abarira Isaka, ati Genda utuvemwo, kuk’ uturuta.
Iramubarira, iti Nd’Imana, Imana ya so; ntutinye kumanuka muri Egiputa, kukw ari ho nzoguhindurira ihanga rikomeye.
Ereg’ igipfu ni co cicwa n’ umwikomo, N’imburabgenge ni yo yicwa n’ishari.
Farawo atakw aravuga, ati Rāba, abantu bo mu gihugu ingen’ ari benshi: none namwe mugomba kubakūra ku bikebere vyabo!
Icubahiro c’umwami giterwa n’ubginshi bg’abantu, Arik’ uguhenebera kwa segaba guterwa no kubura abantu.
Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?
Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.
Kuko natwe nyene kera twar’ ibipfu, tur’ intabarirwa, tuzimizwa, tujakariye ukwifuza n’ukwinezereza vy’uburyo bginshi, twama tugira urwanko n’igono, tur’ abo kwankwa natwe twankana.
Canke mwiyumvira yukw ivyanditswe bivugira ubusa, ng’ Uwo Mpwemu yagererewe muri twebge atwikundiriza afuha?