Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 9:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Maz’ arikw aragenda, agira ashike i Damasiko, haza umuco giturumbuka, uvuye mw ijuru, umukayanganira irya n’ino.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Akigenda, yegereje i Damasiko, umuco uvuye mw’ijuru umurasirako giturumbuka impande zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 9:3
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wifubika umuco nk’umwambaro; Ugaranzura ijuru nk’ihema.


Nuko nkigenda, nshitse hafi y’i Damasiko, hāri nko mu mashōka, umuco uhambaye uza giturumbuka uvuye mw ijuru, unkayanganira irya n’ino.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Maze Barunaba aramwākīra, amushīra intumwa, azīgānira ingene yaboneye Umwami Yesu mu nzira, n’ingene yavuganye na we, kandi n’ingene yavuze ashize amanga mw izina rya Yesu i Damasiko.


Maze hanyuma ya bose nanje aranyiyereka ndi nk’umwana w’icenda.


Mbega sind’ uwidegemvya? Sind’ intumwa? Sinabonye Yesu Umwami wacu? Namwe ntimur’ igikorwa canje mu Mwami?


ni yo yonyene ifise ukudapfa, iba mu muco utēgērwa, ata muntu yigeze ayibona, ata wushobora kuyibona. Icubahiro n’ubushobozi bidashira bibe ivyayo. Amen.


Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ