Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 8:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Abantu bubaha Imana bahamba Stefano, baramuborogera cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Abantu bubaha Imana baraza bahamba Sitefano, baramugandarira cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 8:2
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Sara araheza apfira i Kiriyati‐Araba (ari ho Heburoni), mu gihugu c’i Kanani: Aburahamu aza kuririra Sara, no kumuborogera.


Ajana n’imikogote y’intambara n’ abagendera ku mafarasi: bagenda ar’ igugu rinini cane.


Dawidi araheza abarira Yowabu n’abari kumwe na we bose, ati Ni mwitantamurirekw impuzu zanyu, mukenyere amagunira, muririre i ruhande ya Abuneri. Maz’ umwami Dawidi akurikira ikigagara ciwe.


Maze Hezekiya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ahadūga haja mu mva z’abuzukuruza ba Dawidi; aho yatanga, Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu baza kumuha icubahiro. Maz’ umuhungu wiwe Manase asubira ku ngoma yiwe.


Na Yeremiya aborogera Yosiya, n’abaririmvyi bose b’abagabo n’abagore iyo bacura intimba bavuga Yosiya kugeza n’ubu; babigira umugenzo mu Bisirayeli; kandi vyanditswe mu majambo y’agacurantimba.


Ntimukaririre uwamaze gupfa, canke ngo mumuborogere: ariko muririre uwagiye mazimayongo, kukw atazoba akigaruka ukundi, canke ngw asubire kubona igihugu yavukiyemwo.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize ku vya Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, ati Ntibazomuborogera, bat’ Ewe musazanje! Ewe mwana wa mama! Ntibazomuborogera, bat’ Ewe mwami wanje! Ewe cubahiro ciwe!


Ishengero ryose ribonye ko Aroni apfuye, iyo nzu yose ya Isirayeli bamara imisi mirongwitatu bamuririra.


Abigishwa biwe bavyumvise baraza, bajana ikiziga ciwe, bagihamba mu cobo.


Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


I Yerusalemu hār’ Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bāri bāravuye mu mahanga yose yo musi y’ijuru.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Ariko Sauli yatikiza ishengero; yinjira mu mazu yose, agakūramw’ abagabo n’abagore, akabashira mw ibohero.


Abisirayeli bamara imisi mirongwitatu baririra Mose, bari mu kiyaya c’i Mowabu; nukw imisi yo kuririra Mose no kumugandarira irarangira.


Samweli yar’ amaze gupfa; Abisirayeli bose bari baramuririye, bamuhamba i Rama mu gisagara yabamwo. Kandi Sauli yari yarahoneje abahamagara imizimu n’ abamenyi mu gihugu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ