Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ariko ntiyakimuhayemw’ umwandu, naho hoba aho gushinga ikirenge; isezerana kuzokimuha ngo kibe ishamvu yiwe n’iy’ uruvyaro rwiwe, kand’ ataragira umwana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Nta mugabane yamuhaye muri ico gihugu, nta n’aho guhonyoza ikirenge, ariko Imana yamusezeraniye ko we n’uruvyaro rwiwe bazokwegukira iki gihugu, n’aho ico gihe Aburahamu atari bwaronke umwana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 7:5
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho yiyereka Aburamu, aramubarira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu. Aca ahubaka igicaniro, yubakiye Uhoraho amwiyeretse.


iki gihugu cose ubonye ni wewe nzogiha, n’uruvyaro rwawe, gushitsa ibihe vyose.


Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,


Sarayi abarira Aburamu, ati Rāba, Uhoraho yanyimye ivyara; enda vyara ku ncoreke yanje: kumbure nzoronkera akana kuri we. Nuko Aburamu yumvira Sarayi.


Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


ati Jewe ko nd’akavantara n’inyambukīra muri mwebge; none ni mumpe i wanyu aho nokwīzīzira ho guhamba, kugira ngo mpambe umuntu wanje amve mu maso.


Ba urasuhukiye mur’ iki gihugu, nanje nzobana nawe, nguhe umugisha; kuko wewe n’ uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose; kandi nzokomeza indahiro narahiye Aburahamu so;


wabonye umutima wiwe kw ar’ uwo kwizigirwa imbere yawe, usezerana na we isezerano ryo kuzoha uruvyaro rwiwe igihugu c’Abanyakanani n’ic’ Abaheti n’ic’ Abamori n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abayebusi n’ic’ Abagirugashi; kand’ iryo sezerano wararishikije kuko wama ugororoka.


riti Mwana w’umuntu, abasigaye baba mu matongo yo mu gihugu c’i Bgisirayeli baravuga, ngo Aburahamu yar’ umwe, ariko yahawe igihugu kw ishamvu; nkanswe tweho turi benshi, natwe turagihabga kuba ishamvu yacu.


Maz’ Uhoraho arambarira, ati Va hasi, ufate urugendo, uje aba bantu imbere, kugira ngo binjire igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha, bacegukire.


mubone kurambira mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha, bo n’ uruvyaro rwabo, igihugu gitemba amata n’ubūki.


ntimubandurutse, uti Kukw atazobaha ku gihugu cabo, naho hoba aho gukandagiza ikirenge; uti Kukw imisozi y’i Seyiri yayihaye Esau kuba ishamvu yiwe.


Uhoraho aramubarira, ati Ngīkirīya igihugu narahiye Aburahamu na Isaka na Yakobo, nti Nzogiha uruvyaro rwanyu. None nguhaye kukirābisha amaso, ariko ntuzojabuka ng’ ujeyo.


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ