Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 7:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise umuniho wabo, none mmanukanywe no kubarokora: kandi none n’uze ndagutume muri Egiputa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nabonye agacinyizo abantu banje barimwo muri Egiputa, numva n’amaborogo yabo, none manukanywe no kubakiza. Egera hano, kuko ngomba kugutuma muri Egiputa.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 7:34
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ Uhoraho amanukanwa no kurāba ico gisagara n’uwo munara, abana b’abantu bubatse.


Nuko ngo tumanuke tuyoberanye ururimi rwabo, boye kwumvikana mu kuvuga kwabo.


ndamanutse ndābe yuko bakora ibihwanye rwose n’ukw induru zaho zanshikiriye; kandi namb’ atari ko biri, ndabimenye.


Wabonye ivyago vya ba sogokuruza bacu bari muri Egiputa, wumva ugutakamba kwabo bari ku Kiyaga Gitukura,


Atuma Mose umusavyi wiwe, Na Aroni yatoranije.


Yamara yashira umutima ku mubabaro wabo, Uko yumvise ugutakamba kwabo:


Andāza ijuru ryawe, Uhoraho we, nawe wimanukire: Ukore ku misozi, ifumbe umwotsi.


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


Abantu baca baremera: maze bumvise yuk’ Uhoraho yagendeye Abisirayeli, akabona amarushwa barimwo, bunamika amaso, barasenga.


Icompa ugasatura ijuru ukamanuka, imisozi igahindira agashitsi imbere yawe,


Uhoraho yadūganye Abisirayeli abakūra muri Egiputa, abakūjey’ uwavugishwa na we, kand’ uwavugishwa na we ni we yabazigama.


Ko nabadūganye nkabakūra mu gihugu ca Egiputa, nkabacungura nkabakūra mu nzu y’ubuja, nkarungika Mose na Aroni na Miriyamu kugira ngo babarōngōre.


Nanje mpava mmanuka, mbonanireyo nawe; nābīre ku mpwemu iri kuri wewe, ndayishire kuri bo; na bo bazofatanya nawe uwo mutwaro w’abantu, ureke kugenda uwuteruye wenyene.


Nta wadūze mw ijuru, atar’ uwamanutse ava mw ijuru, ni we Mwana w’umuntu wo mw ijuru.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Kand’ uk’ Uhoraho yabaha umucamanza, yaba kumwe n’uwo mucamanza, akabakiza, akabakūra mu maboko y’abansi babo igihe cose uwo mucamanza akiriho, kuko vyamutera akagongwe kwumva iminiho yabo banihishwa n’ababahahaza bakabacuranguza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ