Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 7:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 Na we yishura ati: “Bavukanyi namwe bavyeyi, nimuntege amatwi ndababwire! Imana y’ubwiza yiyeretse sogokuruza Aburahamu akiri i Mesopotamiya, imbere y’uko aja kuba i Harani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 7:2
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Tera ajana Aburamu umwana wiwe, na Loti mwene Harani umwuzukuru wiwe, na Sarayi umukazana wiwe, muka Aburamu umwana wiwe; bava muri Uri i Bukaludaya ngo baje mu gihugu c’i Kanani; bashika i Harani, bagerēraho.


Uhoraho abarira Aburamu, ati Va mu gihugu canyu, no mu muryango wanyu, no mu nzu ya so, uje mu gihugu nzokwereka.


Aburamu ajana Sarayi umugore wiwe na Loti umuhungwabo, n’itunga ryabo ryose bari batungiye i Harani, bo n’abantu bāronkeyeyo; bavaho ngo baje mu gihugu c’i Kanani; nuko bashika i Kanani nyene.


Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.


Yakobo abaza abungere, ati Bagenzi, mbega mur’ aba hehe? Baramwishura, bati Tur’ Abanyaharani.


Uhoraho Mana, ni wewe watoye Aburamu, umukūra muri Uri h’i Bukaludaya, umwita izina Aburahamu;


Uwo Mwami w’ubgiza ni nde? Uhoraho Nyen’ ingabo Ni we Mwami w’ubgiza. Sela.


Ni mwīgire birebire, mwa birimba, Musegenye, mwa nzugi z’ ibihe vyose, ngo hāguke, Umwami w’ubgiza ngw ashike.


Ijwi ry’Uhoraho rihindira hejuru y’amazi: Imana y’icubahiro ihindisha inkuba, Ni we Uhoraho ahindishiriza inkuba hejuru y’amazi menshi.


Muti Mbeg’ imana z’amahanga, ayo ba sekuru bāranduye, zarakijije ab’ i Gozani n’i Harani n’i Resefu n’Abanyedeni baba i Telasari?


Mwitegereze Aburahamu sogokuruza, na Sara yabavyaye; kuko hamwe Aburahamu yar’ akir’ umwe rudende namuhamagaye, nkamuha umugisha, nkamugwiza.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


kandi ntutujane mu bitwosha nabi, arik’ udukize wa Mubi. [Kuk’ ubgami n’ubushobozi n’icubahiro ar’ ivyawe ibihe bidashira. Amen.]


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko.


Ati Yemwe bagabo bene Data kandi ba data, ni mwumvirize ivyo nireguza muri mwebge.


Avuze artyo, havyuka ibihāri mu Bafarisayo n’Abasadukayo, abanyarukinja birema ibice.


Umuherezi mukuru aramubaza, ati Mbeg’ ivyo ni ko biri?


Kandi mu baganza b’iki gihe nta wabumenye: iyo baba bārabumenye ntibaba bārabamvye Umwami w’icubahiro.


ngw Imana y’Umwami wacu Yesu Kristo, Data wa twese w’ubgiza, ibahe umutima w’ubgenge no guhishurirwa mu kuyimenya;


twitega ivyizigiro vy’amahirwe no kuzoseruka kw’ubgiza bga Yesu Kristo, ni we Mana yacu ihambaye n’Umukiza,


Uwo, kukw ar’ ugukayangana kw’ubgiza bgayo, n’ishusho y’akameremere kayo, kand’ ashigikiza vyose ijambo ry’ubushobozi bgiwe, ahejeje gushirah’ umwuhagiro w’ivyaha, avyagira i buryo bg’icubahiro c’ubgami bgo mw ijuru:


Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana imuhamagaye, akaja ahantu yar’ abīkiwe kuragwa: nukw agenda, atazi iy’ aja.


Bene Data, kwizera Umwami wacu Yesu Kristo w’ubgiza ntikubemwo kurobanura abantu ku cubahiro.


Yosuwa abarira abantu bose, at’ Uku ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize, ati Kera ba sogokuruza banyu bāba hakurya ya Efurate, nka Tera se wa Aburahamu na Nahori, bāsaba izindi mana.


bati Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’ icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ