Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 7:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 babajana i Shekemu, babahamba mw isenga Aburahamu yaguze igiciro c’ifeza na bene Hamori i Shekemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ibisigarira vyabo vyatahukanwe i Shekemu, bishingurwa mu mva Aburahamu yari yaguriye abahungu ba Hamori i Shekemu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 7:16
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ amagufa ya Yosefu, Abisirayeli bāri bāradūganye bayakūye muri Egiputa, bāyahamvye i Shekemu, ku gasozi Yakobo yari yaraguze na bene Hamori se wa Shekemu amahera ijana y’ifeza yitwa kesita; gaca kaba ishamvu y’aba Yosefu.


Aburahamu yumvise ivya Efuroni, amugerera ku munzane za feza yaciriye, Abaheti bumva, shekeli amajana ane z’ifeza, kimwe n’izo abadandaza bācurūza.


Kandi Mose ajanisha amagufa ya Yosefu, kuko Yosefu yari yararahije bene Isirayeli bikomeye, at’ Imana ntizobura kubagendera, namwe muze mukūre amagufa yanje ino, muyadūgane.


bamujana mu gihugu c’i Kanani, bamuhamba mw isenga yo mw itongo ry’i Makipela, aharābana n’i Mamure, iyo Aburahamu yaguze hamwe n’iryo tongo, kuba aho yīzīziye ho guhamba, ahaguze na Efuroni Umuheti.


Nuko Rakeli arapfa, bamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.


ati Jewe ko nd’akavantara n’inyambukīra muri mwebge; none ni mumpe i wanyu aho nokwīzīzira ho guhamba, kugira ngo mpambe umuntu wanje amve mu maso.


ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’ unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo. Aramwishura, ati Nzogenza uk’ umbariye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ