6 Imisore iva hasi, iramutekera, iramujana, iramuhamba.
6 Maze abasore bari aho bava hasi, batekera ikiziga ciwe bakijana kugihamba.
Nuko bajana ikiziga ciwe, bagishiburira mu rwobo runini rwar’ aho mu kibira, bakirundakw ikirundo c’amabuye kinini cane; nukw Abisirayeli bose baratemesha, umuntu wese ahungira i we.
Nuko bābīra ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n’ivyo bimota neza, nk’uk’ umugenzo w’Abayuda wo guhamba war’ uri.
Hahise nk’isaha zitatu, umugore wiwe arinjira, atazi ivyabaye;
umuvyimba wiwe ntuz’ urāre kur’ ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’ uwo musi nyene: kuk’ ūmanitswe ku giti arik’ umuvumo w’Imana; nuko mumuhambe, kugira ngo ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu.