Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Ukiyifise ntiyar’ iyawe? Kand’ umaze kuyigura, ibiguzi vyayo ntuba warabikoze uk’ ugomba? N’iki catumye wīgīra ingingo mu mutima wawe gukora urtyo? S’abantu uhenze, Imana ni yo uhenze.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Mbega utararigurisha ntiryari iryawe? Kandi umaze kurigurisha, amahera ntiyari ayawe? Vyakugendeye gute ngo wiyumvire mu mutima wawe ukore ikibi nk’ico? Erega si twebwe wahenze, ahubwo wahenze Imana!”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 5:4
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Mana yanje, nzi yuk’ usuzuma umutima, kandi k’uhimbarwa n’ubugororotsi. Nanje nshikanye ibi bintu vyose bivuye mu mutima ugororotse. Kand’ ubu ngize akanyamuneza kubona abantu bawe bari hano bagushikanira n’imitima ikunze.


Kandi rero, kubg’ urukundo nkunze iyo ngoro y’Imana yanje, har’ itunga ryanje nari mfise ry’amazahabu n’amafeza, na vyo ndabihaye iyo ngoro y’Imana yanje, bigereke ku vyo niteguriye iyo ngoro yera vyose;


ayo mazahabu ndayatanze kuzokoramw’ ibintu vy’amazahabu nyene, n’ayo mafeza kuzokoramw’ ivy’ amafeza nyene, kugira ngw abacuzi b’abahinga babikūremw’ ibintu vy’uburyo bgose. None rero ni nde yemeye gutanga ivyiwe agashikanira Uhoraho uyu musi?


Maz’ abantu bagira akanyamuneza ko gutanga bivuye mu mitima, kuko bashikaniye Uhoraho n’ imitima ishize icīra, babikunze rwose; kand’ umwami Dawidi na we anezerwa akanyamuneza kenshi.


Basama inda z’inabi, bakavyara ibigabitanyo, Mu nda zabo hakuramw’ ubugunge.


Kukw ata jambo riza mu rurimi rwanje Wewe Uhoraho utararimenya rwose.


Ehe rāba, uwo we aramukwa ukugabitanya, Mber’ inda yasamye n’ukugira nabi, avyara ibinyoma.


Mose arababgira, at’ Ivyo murabibona igihe Uhoraho aja kubaha inyama zo kurya kur’ uyu mugoroba, mu gitondo akazobaha umutsima, mukarya mugahāga; kuk’ Uhoraho yumvise imyidodombo yanyu mumwidodombera; natwe twar’ iki? erega si twebge mwidodombera, mwidodombera Uhoraho.


Nukw abagabo n’abagore bose b’Abisirayeli bemejwe n’imitima yabo kugira ico bazana cose co gukoresha igikorwa Uhoraho yabariye Mose gukora, babizanakw amashikanwa avuye ku mitima ikunze, babishikanira Uhoraho.


Wopfuma utagira ico usezerana, hak’ usezerana ntushitse.


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Uwo musi ni washika, hazoza ivyiyumviro mu mutima wawe, wīgīre imigabo y’ibibi:


Ereg’ Uhoraho ni we mugararije, mwe n’abo mufatanije bose: na we Aroni n’iki, aho mumwidodombera?


Ūbumviye ni jewe aba yumviye; ūbanse, ni jewe aba yanse; ūnyanse, aba yanse uwantumye.


Petero aramubaza, ati Ananiya, n’iki gitumye Satani yuzuza umutima wawe guhenda Mpwemu Yera, ukīsigariza ku biguzi vy’ishamvu?


Petero aramubaza, ati N’iki gitumye muhūza inama kugerageza Mpwemu w’Umwami Imana? Ehe ibirenge vy’abahejeje guhamba umugabo wawe biri ku rugi, nawe barakujana.


Arikw ivyo kurya si vyo bidushikiriza Imana: iyo tutabiriye, nta co duhōmba; cank’ iyo tubiriye, nta co duhōmbōka.


Ni co gituma ūvyanka ataba yanse umuntu arikw aba yanse Imana, kand’ ari yo ibaha Mpwemu wayo Yera.


Ariko nta co ngomba gukora ntakugishije inama, kugira ngw iciza ukora ntikibe ic’ ugōberewe, arik’ ugikore ubikunze.


Maz’ ukwo kwifuza gutwara inda, kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.


Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ