Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 20:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Amaray’ amezi atatu; maz’ Abayuda bamugīriye inama yo kumutega agira atambukire mu bgato aja i Siriya, agabira gusubira inyuma aciye i Makedoniya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 ahamara amezi atatu. Agira afate ubwato ngo aje muri Siriya, amenya ko hari Abayuda bamugiriye inama, aca afata ingingo yo gusubira i Makedoniya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 20:3
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze ku musi ugira icumi na kabiri w’ukwezi kwa mbere turahaguruka tuva kur’ urwo ruzi Ahava, ngo tuje i Yerusalemu; ikiganza c’Imana yacu kiba kuri twebge, iradukiza ngo ntitugwe mu maboko y’abansi n’abaturyamiye mu mayira.


Ni bakubgira, bati Ngwino ujane natwe, Turyamire kwica, Dutegere mu mpisho ūtagira igicumuro, ata nyanduruko;


Muti Kuko mu bantu biwe habonekamw’ abantu b’abanyakibi: baratega nk’ukw abatezi b’inyoni batega; batega umutego, bagafata abantu.


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


tuvuyeyo dushika i Filipi, igisagara c’i Makedoniya gikuru mur’ iyo ntāra, cubatswe n’Abaroma. Tumara imisi mur’ ico gisagara.


Maze Paulo mw ijoro arota inzozi, abona umugabo w’i Makedoniya ahagaze amwinginga, ati Jabuka uze i Makedoniya, udutabare.


Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano.


Ivyo bishize Paulo agabira mu mutima wiwe guca i Makedoniya no muri Akaya aja i Yerusalemu, ati Ni namara gushikayo, nkwiye kuja kurāba n’i Roma na ho.


Umugūmūko umaze gushira, Paulo atumakw abigishwa, arabahanūra, arabasezera, avayo ngw aje i Makedoniya.


nkorera Umwami wacu n’umutima wicishije bugufi, kandi ndira, nterwa n’ibingerageza kubg’ inama z’Abayuda.


Amaze guca mur’ ivyo bihugu, abahanūra mu majambo menshi, aja i Bugiriki.


Tubonye i Kupuro tuhasiga i bumoso, tuja i Siriya, dufata muri Tiro: kukw ari ho bari bagabiye gukūrira ibintu mu bgato.


bamusaba kubagirira neza kur’ uyo, ngw amutumeko, aze i Yerusalemu, na bo baze bamuryamire bamutsinde mu nzira.


Kandi nk’uko nizigiye ivyo, nagira ngo nzobanza kuza i wanyu, ngo muhabge ubuntu ubugira kabiri,


nari mu ngendo kenshi, mw irinde ry’inzūzi, mw irinde ry’abambuzi, mw irinde ry’ubgoko bgacu, mw irinde ry’abanyamahanga, mw irinde ryo mu bisagara, mw irinde ryo mu bugaragwa, mw irinde ryo mu kiyaga, mw irinde ryo mu bīgira bene Data;


Hamwe twaja i Makedoniya umubiri wacu ntiwaribgatenzukirwe na gatoya, kuko twababajwe uburyo bgose; inyuma hār’ intambara, imbere hār’ ubgoba.


Maze nja mu ntāra z’i Siriya n’i Kilikiya.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ