Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Tur’ Abapariti, n’Abamedi, n’Abelamiti, n’abamye i Mesopotamiya, n’i Yudaya, n’i Kapadokiya, n’i Ponto, no muri Asiya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Muri twebwe harimwo Abapariti, Abamedi, Abelamiti, n’abava i Mesopotamiya, i Yudaya i Kapadokiya, i Ponto, muri Aziya,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:9
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aba Shemu ni Elamu na Ashuri na Arupakisadi na Ludi na Aramu.


Mu gihe ca Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari, na Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu,


Uwo mubgiriza yābīra ingamiya cumi zo mu ngamiya za shebuja, aragenda; ajana ibintu vyiza‐vyiza vy’uburyo bgose shebuja amurungikanye; nukw arīkora, aja muri Aramu‐Naharayimu, ashika ku gisagara Nahori yabamwo.


Mu mwaka ugira icenda Hoseya ari ku ngoma, ni ho umwami w’i Ashuri yatsinze i Samariya; araheza ajana Abisirayeli ar’ inyagano, abajana muri Ashuri, abashira i Hala no kuri Habori, uruzi rw’i Gozani, no mu bisagara vy’ Abamedi.


Maz’ Abamoni babonye ko bateye Dawidi akayigo, Hanuni bo n’Abamoni barungika italanto z’ ifeza igihumbi i Mesopotamiya n’i Aramu‐mayaka n’i Zoba, babaha impēra ngo babahe imikogote y’ intambara n’abagendera ku mafarasi.


babona umuzingo w’igitabo mu rugo rw’i bgami ahitwa Akimeta, mu gihugu c’i Bumedi; uwo muzingo wari wanditswemw’ ibi, ngw Icibutso:


Kandi kur’ uwo musi Umwami Imana azotuma ukuboko ubugira kabiri, kugarukana amasigarira y’abantu biwe, abazoba bagisigaye, abakūre muri Ashuri no muri Egiputa n’i Patirosi n’i Kushi no muri Elamu n’i Shinari n’i Hamati no mu bizinga vyo mu kiyaga.


Ivyerekanywe bikomeye ndabihishurirwa; abaryarukanyi bariko bararyarukana, abanyazi bariko baranyaga. Yemwe b’i Elamu, ni mudūge mutere, namwe Bamedi, mubate hagati! Ukwitsa umutima kwabo kwose ngira nkurangize.


Peres, risobanurwa ng’ Ubgami bgawe buragabanganywe, buhawe Abamedi n’ Abaperesi.


Mbona ivyo neretswe nko mu nzozi, maze mvyitegereje mbona ndi ku murwa i Shushani, mu ntāra yo muri Elamu; ndāvye ivyo neretswe mbona ndi ku ruzi Ulayi.


Impfizi y’intama y’amahembe abiri wabonye ni bo bami b’Abamedi n’Abaperesi.


Baca mu gihugu c’i Furugiya n’i Galatiya, babuzwa na Mpwemu Yera kuvuga ijambo ry’Imana muri Asiya.


Abonye Umuyuda yitwa Akwila, amamo yiwe n’i Ponto, yar’ avuye muri Italiya mur’ iyo misi, bo n’umugore wiwe Purisikila, kuko Kilawudiyo yari yageze kw Abayuda bose bava i Roma, aja aho bari.


Bimara imyaka ibiri bimeze birtyo: nukw ababa muri Asiya bose bumva ijambo ry’Umwami wacu, Abayuda n’Abagiriki.


S’ukw igikorwa cacu kiri mw irinde kigiye gukēngērwa gusa, ariko kandi n’ingoro y’igitabo c’imanakazi ihambaye Arutemi yotītūrwa, mbere yonakūrwakw icubahiro cayo gikomeye, ari yo abo muri Asiya bose n’isi yose basenga.


Kandi bamwe mu bakuru bo muri Asiya, kuko bār’ abagenzi, bamutumako bamwinginga ngo yoye kwiroha mu kibuga c’ibirori.


Kandi n’iki gitumye twese tubumva bavuga indimi z’i wacu izo twavukanye?


Kuko Paulo yari yagabiye guca i ruhande ya Efeso, kugira ngo ntatebe muri Asiya: kuko yihuta, ngo ni vyashoboka umusi wa Pentekote uz’ ushike ar’i Yerusalemu.


Na bo bashitse ah’ ari, arababgira, at’ Ubganyu murazi ingene nabana namwe na ntaryo, uhereye umusi natanguriye gushika muri Asiya,


Abājana na we bashikana no muri Asiya ni Sopatero mwene Puro w’i Beroya, n’ab’i Tesalonike ni Arisitariko na Sekondo, bo na Gayo w’i Derube, na Timoteyo, n’abo muri Asiya ni Tukiko na Tirofimo.


Nukw iyo misi ndwi igira ishire, Abayuda bāvuye muri Asiya bamubonye mu rusengero, bavurunga ishengero ryose, bamushōrerakw amaboko,


Nkiri muri vyo bansanga mu rusengero nihumanuye, ata bantu nkoranije, ata n’uruhōgo ruriho. Ariko hār’ Abayuda bamwe bavuye muri Asiya,


Dutambukira mu bgato bgāvuye muri Aduramutiyo, bugira bugende bujabukiranya ahantu ho muri Asiya haherereye ku kiyaga, tuvudukayo turi kumwe na Arisitariko Umunyamakedoniya w’i Tesalonike.


Ariko hava hasi abantu bamwe bo mw isinagogi y’Abaliberutino, n’iy’ Abanyakurene n’iy’ Abanyalekisanderiya, n’iy’ Abanyakilikiya, n’iy’ Abanyasiya, baja impāri na Stefano,


Na we aramwishura, ati Yemwe bene Data kandi ba data, ni mwumve: Imana y’icubahiro yiyeretse sogokuruza Aburahamu, ar’ i Mesopotamiya, ataraja kugerēra i Harani,


Kandi muntahirize ishengero ryo mu nzu yabo. Muntahirize Epayineto, uwo nkunda, ni we yashurije abo muri Asiya bābaye aba Kristo.


Abo mu mashengero yo muri Asiya barabaganūtsa. Akwila na Purisikila barabaganutsa cane mu Mwami wacu, bo n’ishengero ryo mu nzu yabo.


Kuko bene Data, tutagomba yuko mutamenya amarushwa yatubayeko muri Asiya, ko twaremerewe cane, biruta uko dushobora, bigatuma twihebura ko tutagikiza amagara yacu:


kuko batābashanganije ivyo kurya n’amazi, igihe mwava muri Egiputa; kandi kuko bāhēreye Balamu mwene Beyori w’i Petori ho muri Aramu‐Naharayimu ngw abavume.


Urazi yukw abo muri Asiya bose banteye ibitugu, mur’ abo umwe ni Fugelo na Herumogene.


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Bituma uburake bg’Uhoraho buziriringira Abisirayeli, abagabura mu maboko ya Kushani‐rishatayimu umwami w’i Aramu‐naharayimu; Abisirayeli baganzwa na Kushani‐rishatayimu imyaka munani.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ