Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bose baca buzura Mpwemu Yera, batangura kuvuga mu zindi ndimi nk’uko Mpwemu Yera abashoboje kuzivuga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:4
55 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ati Mpwemu w’Uhoraho yavugiye muri jewe, Ijambo ryiwe ryari ku rurimi rwanje.


Noneho rer’ Uhoraho azovuganira n’ubu bgoko mu kanwa katumvikana no mu rurimi rundi;


Nanje ngiri isezerano nsezeranye na bo, ni k’Uhoraho agize: impwemu yanje iri kuri wewe, n’amajambo yanje nshize mu kanwa kawe, ntibizova mu kanwa kawe, canke mu kanwa k’abuzukuru bawe, canke mu kanwa k’abuzukuruza bawe, uhereye none ugashitsa ibihe bidashira, ni k’Uhoraho agize.


Ni co gituma nuzuye ubushangashirwe bg’Uhoraho: bingoye kubuzina; burekurire ku bana bari mu nzira, no ku misore ah’iganamye: kuk’ umugabo azonyaganwa n’umugore wiwe, n’umutāma azonyaganwa n’ūgeze mu zabukuru.


Uheze ugende, ushikīre abo mu bgoko bganyu b’abanyagano, uvugane na bo ubabgire, bovyumva, batovyumva, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ariko jeho nuzuye ubushobozi n’ ukuroranya n’inkomezi, mbihawe na Mpwemu w’Uhoraho, kugira ngo mmenyeshe Yakobo igicumuro ciwe, Isirayeli ndamumenyeshe icaha ciwe.


Ariko babashengeranye, ntimuze muhagarikire imitima ico muyuga n’ingene muzokivuga, kukw ivyo muvuga muzobihabga mur’ ako kanya.


Kand’ ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera n’ibi: bazosenda abadayimoni mw izina ryanje; bazovuga indimi nsha;


kukw azoba mukuru mu nyonga z’Umwami Imana; ntazonywa vino cank’ ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,


Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,


Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n’Imana,


Kuko Mpwemu Yera mur’ ako kanya nyene azobategekera ivyo mukwiye kuvuga.


kukw ari jewe nzobaha ururimi n’ubgenge, ivyo ababarwanya bose batazoshobora gutsinda canke gutururuza.


Yesu yuzuzwa Mpwemu Yera, ava kuri Yorodani, agendagendeshwa mu bugaragwa na Mpwemu, amaray’ imisi mirongwine,


arik’ Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kand’ azobibutsa ivyo nababariye vyose.


Avuze ivyo, abahumekerako, ati Ni mwākīre Mpwemu Yera.


Kuko Yohana yabatirisha amazi, ariko mweho, mu misi itari myinshi, muzobatizwa na Mpwemu Yera.


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


Kuko bumvise bavuga izindi ndimi, bahimbaza Imana. Maze Petero arababaza,


ati Mbega har’ uwoshobora kwima amazi abahawe Mpwemu Yera nkatwe, ngo ntibabatizwe?


Ngitanguye kuvuga, Mpwemu Yera arabamanukira, nk’uko yamanukiye kuri twebge ubga mbere.


Kuko yar’ imico myiza, yuzuye Mpwemu Yera n’ukwizera. Abantu benshi bagwirirana ku Mwami Yesu.


Ariko Sauli ari we Paulo, yuzuye Mpwemu Yera, amuhanga amaso,


Kand’ Imana izi imitima, yarabashingiye intahe, hamwe yabaha Mpwemu Yera, nk’uko yamuduhaye natwe;


Paulo amaze kubarambikakw ibiganza, Mpwemu Yera abazako, bavuga izindi ndimi, bavugishwa n’Imana.


Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.


Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe‐umwe.


Bahejeje gusenga, aho bakoraniye haratigita, bose buzuzwa Mpwemu Yera, bavuga ijambo ry’Imana bashize amanga.


Nuko Petero, yuzuye Mpwemu Yera, arababarira, ati Yemwe bashingantahe b’abantu n’abakuru,


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Ayo majambo ishengero ryose rirayashima, batoranya Stefano, umuntu yuzuye ukwizera na Mpwemu Yera, na Filipo, na Purokoro, na Nikanori, na Timoni, na Parumena, na Nikolayo, Umunyantiyokiya yatoye idini y’Abayuda,


Stefano yari yuzuye ubuntu bg’Imana n’ubushobozi, yakora mu bantu ibitangaza n’ibimenyetso bikomeye.


Ariko Stefano yuzuye Mpwemu Yera, ahanga amaso mw ijuru, abona ubgiza bg’Imana, na Yesu ahagaze i buryo bg’Imana:


Maze babarambikakw ibiganza, bahabga Mpwemu Yera.


Ananiya aragenda, yinjira mu nzu, amurambikakw ibiganza, aramubgira, ati Sauli, mwene Data, Umwami arantumye, ni we Yesu yakubonekereye mu nzira wazananye, ng’uhumūke, wuzuzwe Mpwemu Yera.


Imana itanga ivyizigiro ibuzuze umunezero wose n’amahoro biva ku kwizera, kugira ngo murushirize kwizigira ibizoba, mubihawe n’ubushobozi bga Mpwemu Yera.


uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi:


Naho novuga indimi z’abantu n’iz’ abamarayika, ariko ntagira urukundo, noba ncitse umuringa uvuga, cank’ icuma kivuzwa kigasāma.


Urukundo nta ho rushira. Ukuvugishwa n’Imana kuzokūrwaho, ukuvuga izindi ndimi kuzogira iherezo, ubgenge buzokūrwaho.


Nshimira Imana yuko mbarusha mwese kuvuga indimi zitamenyekana:


Nagomba ko mwese muvuga indimi zitamenyekana, arikw ikirushiriza, ko muvugishwa n’Imana. Ūvugishwa na yo aruta ūvuga indimi zitamenyekana, shiti yobisobanura, kugira ngw ishengero ryubakwe.


mumenye urukundo rwa Kristo ruruta uko rwomenywa; ngo mubone kunengeserezwa mushitse ku kunengesera kw’Imana kwose.


Kandi ntimukaborerwe vino, irimw’ ubuhumbu; ariko mwuzure Mpwemu.


musengere muri Mpwemu ibihe vyose, mu buryo bgose bgo gusenga no kwinginga, kand’ ivyo mubibere maso, mukobeje rwose, musengera abera bose.


Kandi bāhishurirwa yukw atari bo bavyikorera, ariko kw ari mwebge babikorera; ni vyo none mumaze kubarirwa n’abābabgiye ubutumwa bgiza, bāvugishijwe na Mpwemu Yera yatumwe ava mw ijuru: kand’ ivyo abamarayika bifuza kubirunguruka.


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


Nuko Eli aramubaza, at’ Uzogeza hehe kwama uborewe? Genda uhebe iyo vino yawe!


Nuko bashitse kuri wa musozi, abavugishwa n’Imana b’agakama bahūra na we; maze Mpwemu w’Uhoraho amuzako akābushūngwe, avugishwa hamwe na bo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ