Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Ivyakozwe 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe‐umwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Baca babona ibimeze nk’imbeya z’umuriro zitandukanije, zica zija kuri umwe umwe wese.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Ivyakozwe 2:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho aravuga, ati Rāba n’ihanga rimwe, kandi bose basangiye ururimi rumwe; non’ iki ni co batanguye gukora: erega nta kizobananira noneho ku co bazogabira gukora cose.


Mwami, ubayongobeze, uyoberanye indimi zabo: Kuko nabonye umuryano n’ intambara mu gisagara;


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Mbeg’ ijambo ryanje si nk’umuriro? ni jewe Uhoraho mbibajije; canke si nk’inyundo imenagura igitandara?


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Yesu aramwishura, ati Bikunde: kukw ari vyo bidukwiye, ngo dushitse ukugororoka kwose. Bun’ aramukundira;


Baravugana, bati Mbeg’ imitima yacu ko yarikw iragurugumba, aho yarikw aravugana natwe mu nzira, aduhishurira ivyanditswe!


Mur’ iyo misi Petero ava hasi ahagarara hagati ya bene Data, (hāri hakoraniye ishengero ry’abantu nk’ijana na mirongwibiri), aravuga,


Abakirete, n’Abarabo, tukabumva bavuga mu ndimi zacu ibitangaza vy’Imana.


haza igihinda kivuye mw ijuru giturumbuka, nk’uguhuhuta kw’umuyaga w’inkomezi, gikwira hose mu nzu bicayemwo.


Bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga izindi ndimi, uko Mpwemu abahaye kuzivuga.


uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi:


Ururimi n’umuriro, n’ikibi kingana n’isi: ururimi rwashizwe mu ngingo zacu, ruhumanya umubiri wose, rudomeka ukubaho kwacu kwose, na rwo ruba rwadometswe na Gehinomu.


Kand’ abanshingira intahe babiri nzobavugisha, bazovugishwa imisi igihumbi n’amajana abiri na mirongwitandatu bambaye amagunira.


Kandi mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kw isi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ